Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Burundi: 38 bishwe n'umuriro wadutse mw'ibohero rya Gitega
Icegera c'umukuru w'igihugu amenyesha ko abantu 38 ari bo bahiriye mw'isanganya ry'umuriro ryadutse mw'ibohero rikuru ry'umurwa mukuru, Gitega, mu gaturuturu ko kuri uyu wa kabiri, hari mu kiganiro n'abanyamakuru.
Prosper Bazombanza avuga ko 69 muri abo bapfungwa bashika 1500 bakomeretse, harimwo 34 bariko baravurirwa ku bitaro, abandi 35 bakaba bakomeretse bukebuke kandi ko bavuwe bagaca basubizwa mw'ibohero.
Yamenyesheje ko amafaranga abakomeretse bazokwivuzako yose azorihwa na reta.
Amakuru ava i Gitega avuga ko uyu muriro wadutse mu gihe c'isaha icumi z'ubucagucagu igihe abanyororo bari bakiryamye.
Amashusho yakwiragijwe ku mbuga hwaniro ariko BBC itashoboye guhinyuza yerekana abapfungwa bapfiriye muri iryo sanganya.
Umwe mu bapfungwa bapfungiwe muri iryo bohero yabwiye BBC ko uwo mucanwa watanguriye mu vyumba vy'uburaro bw'abapfungwa.
Uyo mupfungwa nawe avuga ibimodokari bijejwe kuzimya imiriro y'ivyaduka vyashitse, ariko ko vyaje bisanga ivyononekaye vyononekaye.
Umukuru w'Uburundi , Evariste Ndayishimiye nawe, mu butumwa bwo kuri Twitter yahojeje "imiryango yaburiye muri iryo sanganya, nkifuriza imisuhuko abakomeretse".
Ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati n'umutekano bumenyesha ko abapolisi bashoboye kuwuzimya.
Isoko ritashatse kumenyekana ryabwiye BBC ko abaforoma bose bo ku bitaro bikuru vya Gitega bari batumweko kugira bafashe gukurayo abahasize ubuzima n'abakomeretse.
Amakuru yavuye muri iryo bohero yavuga ko uwo muriro wavuye ku bibazo vy'umuyagankuba (court circuit), ivyahavuye vyemeza n'ubu bushikiranganji.
Ibohero rya Gitega rifise ubushobozi bwo gupfunga abantu 400, ryari ripfungiwemwo abanyororo 1.539 gushika mu kwa 11 uyu mwaka, nk'uko bishikirizwa na ACAT-Burundi, Ishirahamwe ryo kurwanya iyicarubozo.
Gushika ubu, baba abategetsi, caba igipolisi, nta n'umwe aragira ico ashikirije ku bijanye n'iri sanganya ryabereye muri iryo bohero.
Si bwo bwa mbere haduka umuriro muri iri bohero, mu gatondo ko ku wa 21 z'ukwezi kw'umunani uno mwaka nyene, haradutse umucanwa nk'uko nyene muri iri bohero, ariko ntabahasize ubuzima.