Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Burundi: Umushikirizamanza mukuru yagirije abanyepolitike bahunze ibitero vy'iterabwoba
Umushikirizamanza mukuru wa Repubulika y'Uburundi amenyesha ko amatohoza bamaze gukora yerekana ko bamwe mu banyepolitiki bahunze ari bo barongoye abagize imisi bakora ibitero mu bice bitandukanye vy'igihugu.
Mu kiganiro n'abamenyeshamakuru ku mugoroba wo kuwa gatatu umushikirizamanza Sylvestre Nyandwi yavuze ko ibitero vyo ku kibuga c'indege i Bujumbura be no mu bindi bice vy'igihugu ari ibikorwa vy'iterabwoba.
Avuga ko basohoye imitahe mpuzamakungu kugira ngo abagirizwa ibi bitero bafatwe batahukanwe mu Burundi kuko ngo basanzwe baba mu mahanga.
Sylvestre Nyandwi avuga ko Alexis Sinduhije, umukuru w'umugambwe MSD, ari we ari kw'isonga ry'abo bakora ibi bitero, ari kumwe na François Nyamoya, umunyamabanga mukuru wa MSD, Marguerite Barankitse arongoye ishirahamwe Maison Shalom, hamwe n'abandi batari bake, bose bahunze igihugu.
Sylvestre Nyandwi atera akamo ibihugu vy'akarere gufasha kugira aba bagirizwa bafatwe mu gihe boramuka baciye muri ibi bihugu.
Ati: "Bitagenze uko bishobora guhungabanya amahoro n'umutekano mu karere kubera ko ivyo bikorwa ari ivy'iterabwoba ndetse ari n'ivyaha ndengambibe ivyo navyo bisaba ko ibihugu bifashanya mu kubirwanya".
Abagirijwe, abenshi muri bo basanzwe baronderwa n'ubutungane bw'Uburundi aho ubutegetsi bwabareze uruhara mw'itembagazwa ry'ubutegetsi ryateshejwe mu 2015.