Ubwato bwa mbere bunini kw’isi bwunguruza abantu bwatanguye urugendo buva i Miami

Insiguro ya video, Icon of the Seas: Raba ingene ubu bwato bwa mbere bunini kw'isi bwunguruza abantu bumeze

Ubwato bwa mbere bunini kw’isi bwunguruza abantu bwatanguye urugendo buvuye i Miami mu ntara ya Florida muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu rugendo rwabwo rwa mbere, ariko hari impungenge ku vyuka vya methane bisohorwa n’ubu bwato.

Ubu bwato bufise uburebure bw’imetero 365 buzwi nka Icon of the Seas bufise amagorofa 20, bukaba bushobora gutwara ingenzi zigera kuri 7.600. Bwegukira ikompanyi Royal Caribbean.

Ubu bwato bufashe urugendo rw’imisi indwi ruzobushikana mu mazinga ya Caraibes/Caribbean.

Ubu bwato bwubatswe ku miriyaridi zibiri z’amadorari y’abanyamerika, bukaba bufise ivyumba vy’uburiro ububare n’ivyumba vyo gusamiramwo akayaga birenga 40.

Abajejwe ibidukikije bagabisha ko ubu bwato bunywa igitoro co mu bwoko bwa LNG (liquefied natural gas/gaz naturel liquéfié twongereranya na gaze yahinduwe mu mazimazi) buzorekurira mu kirere ivyuka vya methane bifise ingaruka mbi.

N’ubwo igitoro ca LNG kitonona ikirere nk’ibindi bitoro bisanzwe bikoreshwa n’amato, hari igihamana kibi ko hashobora kuva ivyuka bitoroka, bigatuma ivyuka vya methane bija mu kirere.

Methane ni ivyuka vyonona ikirere gusumba gaz carbonique/carbon dioxide.

"Ni intambwe mu nzira mbi," bivugwa na Bryan Comer, umukuru w’igisata kijejwe ingendo zo mu mazi Marine Programme mw’ishirahamwe International Council on Clean Transportation (ICCT), asubirwamwo n’itororokanirizo ry’amakuru Reuters.

Royal Caribbean ivuga ko ubu bwato Icon of the Seas buziganya umuriro ku rugero rwa 24% gusumba urusabwa n’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe ingendo zo mu mazi International Maritime Organization, ku mato agezweho.

Iyi kompnyi itegekanya ko gushika mu 2025 buzoba bufise ubwato buzoba butarekura ivyuka na bimwe (net-zero).

Ku wa kane, kizigenza w’umurwi nserukiragihugu wa Argentina iherutse gutsindira igikombe c’isi yose Lionel Messi, ubu akaba akinira umurwi Inter Miami wo muri Amerika, yaritabiriye ibiro vyo guha izina ubu bwato.