Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ibibazo ku ntererano ya France mu ntambara ya Ukraine
By Hugh Schofield
BBC News, Paris
Niba Ubufaransa bushaka kuba indongozi imbere y'ibindi bihugu vya Buraya muri iki kiringo gishasha co kwigwanako mu vya gisirikare, bigenda gute ngo intererano yabwo mu twigoro tw'intambara muri Ukarine ibe ari nto cane?
Ico ni ikibazo kitaryoshe kwishura cibazwa na bamwe mu bahinga b'imikenyuro muri ico gihugu, aho bariko barasunika prezida Emmanuel Macron ngo afate ingingo yo kwongereza ibigwanisho aha Ukraine.
Isuzuma ku rubuga muri Pologne/Poland na Ukraine ryasanze intererano y’Ubufaransa mu bigwanisho biva hanze birungikwa muri Ukraine idashika na 2%, kure cane ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika itanga 49%, ariko kandi inyuma ya Pologne (22%) , n'Ubudagi (9%).
François Heisbourg, ashobora kuba ari mu bahinga bumvirizwa cane mu bihweza ibijanye no kwivuna agira ati: “Nari mfise inpungenge ku kwizigira ibiharuro vyerekana Ubufaransa hasi cane ku rutonde rw’ibihugu biterera”.
“Niho naca ngenda aho intererano ishikira muri Pologne kuraba ibitangwa ingene bingana, ntaravye ibiba vyemewe.
“Ariko ibihaururo vyaciye bivanaho impungenge nari mfise. Ubufaransa buri kure cane hasi kuri urwo rutonde -buza ubugira icenda.”
Inyishu y’abategetsi i Paris yabaye: “Ego, ariko...”
Ego, ibiharuro vyerekeye imfashanyo ntibibesha, ariko hari ibindi vyo gufatirako.
Ubwa mbere, abategetsi bajejwe ivyo kwivuna abansi bavuga ko igipimo nyaco c’imfashanyo ya gisirikare ari ubwiza bw’igitanzwe kurusha ubwinshi. Hari ibihugu bitanga ibirundo vy’ibigwanisho vyataye igihe.
Ubufaransa bwatanze ibikoho 18 vyo mu bwoko bwa Caesar birasa vya muzinga, ivyo bikaba biri mu vyo abanya-Ukraine bavuga ko biriko birabafasha cane ku rugamba.
Bongerako kandi ko, Ubufaransa co kimwe n’ibindi bihugu vy’iburengrazuba, bwagabanuye kurundarunda ibigwanisho kuva intambara yo kurabana ay'ingwe irangiye.
Ama Ceasar Ubufaransa bwahaye Ukraine angana n’ica kane ca bene ivyo bigwanisho Ubufaransa buja buravana aha bujana hariya.
Ntibushobora gutanga ibisumba aho butishize mu ngorane mu bindi bice vy’isi aho bufise uruhara nko muri Sahel na Indo-Pacific.
Gen Jérome Pellistrandi w’ikinyamakuru mu bijanye na gisirikare ati: “Dusa n’abari inyuma y’ibindi bihugu, ariko Ubufaransa bufise ugushaka kwo kugira uruhara ruboneka.”
Izo nsiguro si izo gufata minenerwe, nk’uko bivugwa na Heisbourg.
Ikibazo n’uko kutaba ugaragara cane aho bikenewe, Ubufaransa buzohava busanga bwikuye bwonyene mu bo kwerekezako amaso.
“Igihe nari Kyiv, abantu bose bari bafise urupfasoni. Sinari nzi ko abanya-Ukraine babona ko ataco tubafasha.
“Ubiravye vyari bibi kurusha aho. Jewe nabonye umenga turiko turaba nk’abataco bamaze.”
Heisbourg avuga ko igikurikira coroshe. Ukraine izovugana n’ibihugu izi ko bishobora kuyiha ibigwanisho ikeneye. Ubufaransa muri iki gihe ntiburi muri ivyo.
Ariko hari ikindi kibangamye ku Bufaransa. Kuba Ubufaransa busa n’ubutagaragara muri Ukraine bibangamira intumbero yabwo yo kuba indongozi mu kibazo c’ukwivuna abansi i Buraya.
Hari ibihugu muri Buraya y’Ubuseruko bifise impungenge kuri prezida Macron, vyibaza ko mu mezi ya mbere y’intambara yafashe umurongo woroshe cane ku mukuru w’Uburusiya Vladimir Putin.
Ubu hari abasigaye bavuga ko Ubufaransa n’ubu bugifise udutima tubiri ku bijanye n’uko Ukraine yotsinda iyo ntambara.
Kuri Pierre Haroche, atanga ivyigwa ku mutekano mpuzamakungu kuri kaminuza Queen Mary University of London, kuvuga ivyo ni ukurenganya Ubufaransa -kandi sico gituma urugero ruto rw’ibigwanisho bihabwa Ukraine.
Ariko arahuza cane n’abavuga ko Ubufaransa bukeneye kwongereza intererano yabwo vuba hashoboka, kugira buhumurize ibuhugu vya Buraya y’Ubuseruko nka Pologne “ko turi ku murongo umwe”.
Avuga ati: “Ihangiro ry’Ubufaransa ko Uburaya bwokwikwiza ku bijanye no kwivuna rishingiye ku gukomeza inganda z’ibigwanisho biciye mu gushira uburyo hamwe mu kurondera ibikoresho.
“Ariko ukeneye ko haba ugushira uburyo hamwe, utegerezwa kwereka ibindi bihugu ko ufise iyo ntumbero nyene ku vyerekeye umutekano wacu”.
Dr Haroche ahamagarira Ubufaransa kurungika ibiduga vy’intambara 50 vyo mu bwoko bwa Leclerc.
Heisbourg we yoshima ko harungikwa ibikoresho vyo mu kirere avuga ko Ukraine ikeneye kurusha ibindi.
Dr Haroche avuga ati: “Ni nka kizimyamwoto.
“Iyo hadutse umuriro mu nzu y’umubanyi, ni vyiza gusumba guca wihuta kumurungikira kizimyamwoto yawe , hanyuma nturindire ko umuriro ubanza gutandukira inzu yawe".