Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Intambara ya Ukraine: Ingabo z’Uburusiya zavuye mu gisagara ca Lyman
Uburusiya bwakuye ingabo zabwo mu gisagara gikomeye ca Ukraine, Lyman, uruhombo runini ku rugamba rwabwo mu buseruko.
Iyi ngingo yo kuva muri iki gisagara yaraye ifashwe mu gihe hari ubwoba ko ibihumbi vy’abasirikare bari muri ico gisagara bari guhava bugaranirwayo, nk’uko bivugwa n’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw’Uburusiya.
Kuri Ukraine, kubohoza igisagara ca Lyman ni ikintu gikomeye cane.
Iki gisagara cakoreshwa n’Uburusiya nk’ikirindiro cashikizwamwo uburyo bw’urugamba rwabwo muri Ukraine, kandi gishobora guha akaryo ingabo z’iki gihugu ko gusatira utundi turere tw’intara za Donetsk na Luhansk.
N’aho ibendera rya Ukraine ryongeye guhungabana muri ico gisagara, intambara “iracabandanya”, nk’uko Perezida Volodymyr Zelensky yaraye abivuze mw’ijambo ryiwe yacishije kuri videwo ejo ku mugoroba.
Ariko, nta nsiguro zindi yatanze.
Uku gutsindwa ku rubuga rw’intambara muri iki gisagara kwatumye umukuru wa Chétchénie/Chechnya, ashigikiye cane rwose Moscou, Ramzan Kadyrov, avuga ko Uburusiya bukwiye kwihweza ingene bwokoresha ibirwanisho vy’ubumara bito bito kugira ngo bureke kuguma butsindwa ku rugamba.
Lyman iri muri Donetsk – imwe mu ntara zine Uburusiya bwatangaje ku wa gatanu ko zibwegukiye, ariko Ukraine ikaba ikigenzura ibice vyazo.
Ukraine n’incuti zayo z’Uburengero biriyamiriza iyi ngingo y’Uburusiya, bivuga ko ari ukwihagira ubutaka bw’ikindi gihugu mu nzira iteye kubiri n’amategeko.
Umuhanuzi mu bushkiranganji bwo kwivuna abansi bwa Ukraine yabwiye BBC ko intambwe ingabo za Ukraine zateye muri Lyman ari “intsinzi ikomeye”.
Ingabo z’Uburusiya zari zahawe amahirwe yo kwishikana nk’uko Yurik Sak abivuga, kandi ko bari gufatwa neza nk’impfungwa z’intambara gusumba uko bari gufatwa n’abarongoye igisirikare c’Uburusiya.
Inyuma y’aho gatoya, niho Kremlin (ibiro vy’umukuru w’igihugu c’Uburusiya) yatangaza ko ikuye ingabo zayo muri ico gisagara, ikoresheje izina ryo mu gihe c’ubutegetsi bw’aba-Soviyeti ngo Krasnyi Lyman, ni ukuvuga ngo Lyman Itukura, mu kwemera ko abanya-Ukraine “bafise inguvu nyinshi” muri ako karere.
Abihweza ibintu n’ibindi mu bijanye n’ivya gisirikare bavuga ko Kyiv ubu ifise inguvu muri ino ntambara, kandi ko yiyemeje kubandanya urugamba rwo kwibohora mu ntumbero yo kugarura ubutaka bwose bwigaruriwe n’Uburusiya.
Mw’ijambo ryiwe ryo ku wa gatanu, Perezida Zelensky yavuze ko utwigoro two "kubohoza ubutaka bwacu bwose” tuzokwerekana ko kizira kikaziririzwa guhonyanga amategeko mpuzamakungu.