Prezida wa EU aragabisha abimukira barondera ubutunzi

Ahavuye isanamu, Reuters
Prezida w’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya, Donald Tusk, yagabishije abimukira bakurikira ubutunzi, mu ngendo nshasha yo gutorera inyishu ikibazo c’abimukira I Buraya.
Yavuze ko abimukira bahiga ubutunzi bonona ubuzima bwabo n’amahera yabo.
Tusk ari mu rugendo mu Bugiriki na Turkia kugira agerageze kuronka amasezerano yo kugabanya abimukira bafata inzira ibajana I Buraya.
Abimukira barenga 25,000 barateshejwe izabo mu gihugu c’Ubugiriki mu gikorwa co gucungera neza imipaka, bigashobora gutuma haba amatati hagati y’abantu.
Ku musi wa kane, umugwi w’abimukira barazibiye ibarabara ry’indarayi mu ruhande rwo mu Bugiriki bihana urubibe na Macedoine, kugira biyamirize izi ngingo.

Ahavuye isanamu,
Ayo maszerano yashitsweko inyuma y’aho Autriche n’ibindi bihugu vyahora bitwarwa n’Uburusiya, bifatiye ingingo zo kurekura abimukira bava mu bihugu vya Syria na Irak kubareka ngo bace muri ivyo bihugu.
Iyo ngingo irabuza ibihumbi n’ibihumbi vy’abantu kwinjira I Buraya badafise ibibaranga, harimwo abava mu gihugu ca Afghanistan hamwe n’abavugwa ko bagenda kurondera ubutunzi.






