Burundi - Mozambique: Eddy Nirera wambuwe twose agiye gushaka ubuzima ubu ni umucuzi i Maputo

Umusore w'umurundi Eddy Nirera akora akazi ko gucura ivyuma bitandukanye i Maputo muri Mozambique avuga uburyo uyu mwuga umubeshejeho neza.

Uwo musore yavuye mu Burundi akirangiza kaminuza mu gisata c'ubutunzi.

Ubu akora amasuka, amarato, ivyuma vyo kurima bikoreshwa n'inka,...

Nirera w'imyaka 29, avuka mu ntara ya Makamba, mu bumanuko bw'Uburundi, avuga ko umwuga wo gucura amaze kuwutungiramwo cane.

Avuga ko ikilo c'ivyuma acungukako incuro zibiri canke zitatu.

Abandanya avuga ko amahera akuramwo amufasha mu kurihira benewabo biga mu Burundi.

Avuga ko, uwo mugambi yari yawufashe kera, kuko yabona abaheza amashure bitaborohera kuronka akazi.

Nirera agira ati:"Kuva ntaranarangiza kaminuza, nari narafashe umugambi wo kuzoja kurondera ikintu nokora mu bindi bihugu.

"Narabona urundi rwaruka ruvuye mu bihugu vyo mu bumanuko bwa Afrika nka Zambia na Mozambique, ko ruza rufise akarusho, nca nigira inama yo kuzoja muri Mozambique."

Uwo musore ariko avuga ko bitamworoheye, kuko umutahe se wiwe yari yamuhaye, bawumwamburiye mu nzira.

Agira ati:"Umutahe nawuhawe na data. Ngeze mu nzira, kubera ikibazo c'ururimi, jewe n'abo twari kumwe, baratwambuye.

"Badutwaye amahera yose twari dufise, inyuma yo kudupfungira imisi itanu mw'ikambi ya gisirikare.

"Badusigarije itike idushikana mu gisagara ca Nampura, aho twashobora kuronka abantu baturuka iwacu i Burundi badufasha."

Kubera ko hari amahera yari yarungitse ubwa mbere, ayo ni yo yaciye amufasha mu gushinga iduka ryo kudandaza.

Ariko urudandaza ntirwagenda neza.

Amaze kubona bitagenda neza, yize umugambi wo gutanguza uruganda rwo gucura.

Nirera agira ati:"Urwo ruganda rwaramfashije, mu kwongereza umutahe, ubu bimeze neza."

Avuga ko afise umugambi wo kwagura ivyo bikorwa vyiwe vyo gucura akabijana i Burundi aho avuka, agaca atangura no gucura amasafuriya.

Kubera ibura ry'akazi mu Burundi, benshi mu rwaruka baraja kurondera akazi mu bihugu bibanyi, aho usanga bakora ubuzi butandukanye hamwo urudandaza ruto ruto, kwubaka no kuba aba city (gucunga amazu n'ibibanza).