Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Burundi - Ntaho katarondererwa: Nadine Niyongere ati 'ntuzokengere akazi'
Nadine Niyongere ageze mu mwaka wa kabiri muri kaminuza mu Burundi, ariko kuva ahejeje amashure yisumbuye, nta kazi yigeze agaya kugirango arondere kwubaka kazoza kiwe.
Kandi avuga ko ariko arabishikako, buke buke.
Mu kiganiro "Ntaho Katarondererwa" ca BBC Gahuzamiryango, Nadine avuga ko yatanguriye ku kazi ko kuri chantier (aho bakora ibikorwa bitandukanye vyo kwubaka).
"Urumva nyene nko ku mwana w'umukukobwa aba ahejeje secondaire uba wumva kuja gukora kuri chantier ari ibintu biteye isoni.
"Nanje ubwanje vyari ibintu umenga biragoye gusigurira nk'umugenzi".
'Naragiye kwiga gukora amasabuni'
Ku mafaranga yahembwa ashika 200.000 (hafi $99) Nadine avuga ko akuyemwo ayo yakoresha mu kuja no kuva ku kazi yasigarana nka 120.000 "ariko nkaja ndaziganya ngira nti plan [umugambi] yanje n'uko nanje nobona ndiko ndikorera ivyiwanje."
Akazi ko kuri chantier gahagaze, Nadine yaronse ikindi kiraka muri kompanyi yo gutomboza (betting) ariko asanga aharonka amafarahga y'intica ntikize, araheba.
Ku mafaranga yari yaraziganije agikora kuri chantier aca yiyumvira gukora uwundi mugambi.
"Nari nariyumviriye ibintu jewe noshobora gukora, nca ndavyandika mu gakaye".
Yafashe umugambi wo gukora amasabuni ariko abo bakorana ntibumvikana neza, aca afata ingingo yo kuja kwiga kuyikorera we nyene ubwiwe i Mabayi mu ntara ya Cibitoke avuye iwabo mu gatumba mu ntara ya Bujumbura.
"Ngaruka namenye kuzikora. Ariko ntivyakunze ko umugambi ubandanya, kubera ukuntu ibihe vyagiye bihindagurika."
'Nararimye imvura ntiyagwa, ibiharage ntivyamera'
Uwo mugambi w'amasabuni ntiwashitse kure ariko "nca ngira imana kuko nari naranditse n'iyindi migambi".
Nadine yaciye yiyumvira kurondera aho akotesha ngo arimishe.
"Nateye ibigori hamwe n'ibiharage. Hanyuma ibiharage biranka kumera kuko imvura yaciye igwa itevye aho hantu.
"Ndababara ndavuga nti jewe ubuzima ninjiyemwo... ariko nkagira imana nari mfise umuvyeyi yarampa courage [yarantera intege]."
Nadine avuga ko yamaze kwihebura mu nyuma yasubiye kuraba uwo murima agasanga ibigori vyo vyarameze.
Yahavuye yimbura ibigori vyinshi, abikuramwo amafaranga atari make arakomeza umugambi. Ubu yabonye ko yoronka akunguko kurusha akoranye n'abandi, none bashinze ishirahamwe (cooperative) ryo kurimisha.
Muri ubwo buzi butandukanye harimwo n'ubwo abandi bashobora kugaya, nadine avuga ati "naba nzi target [ihangiro] ndiko ari uko nokwubaka kazoza."
"Ntaho katarondererwa, ntuzokengere akazi".