Burundi -Kenya: Jules Ndayishimiye yakora ijoro n'umutaga mu kurondera umutahe wiwe

Umusore Jules Ndayishimiye adandaza amandazi, ibiyoba n'ikawa muri Kenya, umutahe akaba yawukuye mu kazi ko kudandaza ifi ku murango n'ubuzamu mw'ijoro.

Yavuye mu Burundi arangije kaminuza mu gisata c'uburunzi.

Avuga ko yatahuye kare ko ata kazi reta igifise itanga, afata ingingo hakiri kare kukironderera.

Agira ati:"Kuva ndi muri kaminuza, nari namaze gutahura ko akazi ari jewe ntegerezwa kukironderera.

"Narabona abahejeje imbere yanje ko ata kazi baronka."

Jules Ndayishimiye avuga kandi ko kuva aheza amashure yisumbuye yari yaciye atangura kurondera ico akora.

Avuga ati:"Nahejeje amashure yisumbuye nca ntangura gukorera abantu. Narabadandariza.

"Mu nyuma naramanutse i Bujumbura nsaba akazi ko gukora ijoro nkaca niga kaminuza ku murango.

"Vyari bigoye, kuko nataha nk'isaha icenda z'ijoro, isaha zibiri nkaba ntonze kw'ishure."

Uwo musore avuga ko yagerageje no kworora inkoko biranga, araonka umutahe wo kudandaza ntivyagenda neza ariko ko atacitse intege.

Jules Ndayishimye avuga ko umugenzi wiwe asanzwe aba i Nairobi muri Kenya, ari we yamuriye akara ko ashobora kuronka akazi kotuma aronka umutahe kuko amahera yo muri ico gihugu ari hejuru gusumba amarundi.

Avuga ati:"Naraje uwo mugenzi aranyakira. Nca ndonka akazi ko gukora mw'ishirahamwe rihingura amafi.

"Kubera iwacu twakuze batigisha ibintu vy'imyuga, narafasha gusa ababizi bakabikora, ku mugoroba bagaca bampemba.

"Sinaca ntaha, ahubwo naca ntonda ku kandi kazi k'izamu iwacu bita akazi k''ubu city'."

"Inyuma y'amezi atatu, naciye mfata ingingo yo kwikorera ivyanje ndi kumwe n'uwundi mugenzi wanje.

"Tudandaza ibintu bitandukanye harimwo ikawa, amandazi n'ibiyoba. Kandi bigenda neza turashima."

Jules Ndayishimiye ahanura urundi rwaruka gukura amaboko mu mpuzu bagakora akazi kose kabonetse, kuko kuri we, ngo n'aho wobura, uba warondeye ntuheza ngo witeko umwikomo.

Urwaruka rwinshi ruturuka mu Burundi rwaje muri kenya kurondera ubuzi, benshi bakora muvyo kwubaka, abandi mu kudandaza amandazi n'ibiyoba mu mabarabara. Hari n'abakora akazi k'izamu kazwi nk''igi city'.

"