Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ntahokatarondererwa -Jessica : Umufundi w'amaterefone, akazi gakora abakobwa bake cane mu Burundi
N'aho atari vyo yize, Jessica Tuyishime n'umufundi w'amaterefone mu gisagara ca Bujumbura, akazi hari abakibona ko ari ako abahungu.
"Abantu benshi birabatangaza cane bati ni umukobwa? 'Ndamuhaye terefone yanje ngira yoyifata neza, yoyikora neza kandi bikagenda neza'."
Ayo ni amajambo ya Jessica Tuyihsime, umukobwa w'imyaka 19 akora ubufundi bw'amaterefone i Bujumbura, akazi avuga ko benshi gushika ubu bibaza ko ari akazi k'abahungu.
Mu kiganiro Ntahokataronderwa ca BBC Gahuzamiryango, Jessica avuga ko ata shure ry'ubufundi yagiyemwo. Yaburabiye kuri se.
"Mbonye papa ariko arabikora, naca ndamwegera nkaraba ingene abigira."
Umufundi yiga 'indimi'
"Natanguye nkiri umwana muto, ni ibintiu nakunda cane, natanguye ndi mu mwaka wa gatandatu,
"Hanyuma nca ntangura kubikora neza na neza mpejeje ishure [ryisumbuye] mu 2020 muri urya mwanya wo kuruhuka".
Mu mashure yisumbuye Jessica yize indimi, no muri kaminuza y'Uburundi yiga mu gisata c'ururimi rw'icongereza.
Ubufundi bw'amaterefone n'amashure yiga birafashanya. Jessica avuga ko ako kazi kamuha amafaranga aguramwo ivyo akenera kw'ishure -impapuro, ibirato, impuzu...-"ivyo vyose ntiriwe ndagora mama."
Abantu birabatangaza
Mu Burundi ibiharuro vy'ubushomeri ntivyoroshe kuronka, ariko abarongiye igihugu baremera ko ari bwinshi na cane cane mu rwaruka.
Umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye ahimiriza urwaruka kutama bateze amaso ko reta ari yo izobaha akazi, ahubwo barondere ingene biha akazi bonyene.
Reta iherutse gushinga mbere na banki yo kugurana imitahe urwaruka kugira rwishingire imigambi yo kwiha ubuzi, babuhe n'abandi.
N'aho biri uko , Jessica avuga ko urwaruka rw'ubu hari igihe rugaya akazi cane, "ngo ubu buzi ntabwo twokora, botubona nabi."
Na we kuba ari umufundi w'amaterefone ngo bitangaza benshi, ariko bikamwongera amahirwe yo kuronka abamwizigira.
"Birabatangaza cane, ntavyo batahura na gato, ....bati n'umukobwa ndamuhaye terefone yanje ngira yoyifata neza, yoyikora neza kandi bikagenda neza."
Jessica agira inama abandi bakiri bato ko hakurera amaboko boba barakora akazi babonye "kuko ntuba uzi ahantu bizogushikana kandi biba biriko birakwungura ubwenge."
"Ntibavuge ngo aka gakora abahungu jewe ntako nkora, ngo aka gakora abakobwa, bokwumva ko bashoboye gukora vyose, ata na kimwe kiri limité ku bakobwa,[kigenewe abakobwa gusa], ata na kimwe kiri limité [kigenewe abahungu gusa], kandi bakiyemera ko bashoboye."