Umukinyi wa Manchester City Benjamin Mendy arahakana ivyaha vyo gufata ku nguvu yagirizwa

Uyu mukinyi w'inyuma w'umufaransa yagirizwa gufata ku nguvu, ihohotera rishingiye ku gitsina hamwe no kugerageza gufata ku nguvu

Ahavuye isanamu, PA Media

Insiguro y'isanamu, Uyu mukinyi w'inyuma w'umufaransa yagirizwa gufata ku nguvu, ihohotera rishingiye ku gitsina hamwe no kugerageza gufata ku nguvu

Umukinyi wa Manchester City Benjamin Mendy yahakanye ivyaha icenda bishingiye ku gitsina yagirizwa ko yakoreye abagore batandatu.

Imbere ya Sentare ya Chester Crown, Mendy w'imyaka 27 aba ahitwa Prestbury mu karere ka Cheshire, yahakanye ivyaha vyose yagirizwa, harimwo indwi vyo gufata ku nguvu.

Uyu mukinyi mpuzamakungu w'Umufaransa yagirizwa kandi ihohotera rishingiye ku gitsina no kugerageza gusambanya ku nguvu.

Bivugwa ko ibi vyaha vyabereye i muhira iwe hagati ya Gitugutu (10) 2018 na Myandagaro (8) 2021.

Uyu yagirizwa yiteze gucirirwa urubanza ku wa 25 Mukakaro (7) 2022.

Uwo bagirizwa hamwe Louis Saha Matturie, aba ahitwa Eccles mu karere ka Salford, na we nyene yahakanye ivyaha 12 yagirizwa.

Uyu mugabo w'imyaka 40 ahakana ivyaha umunani vyo gufata ku nguvu hamwe n'ibindi bine vy'ihohotera rishingiye ku gitsina, yagirizwa ko yakoreye abagore umunani hagati ya Mukakaro (7) 2012 na Myandangaro (8) 2021.

Bompi babandanya bidegemvya vy'agateganyo.

Inyuma yo kwagirizwa ibi vyaha, Mendy yaciye ahagarikwa vy'agateganyo gukinira umurwi wiwe wa Manchester City inyuma y'inkino 50 za Premier League yari amaze kuyikinira kuva yinjiye muri uwo murwi avuye muri Monaco mu 2017, akaba amaze kandi gukinira Ubufaransa inkino cumi.