Edouard Mendy aridoga kubona isanamu yiwe ikoreshwa mu nkuru zerekeye Benjamin Mendy

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umunyegori wa Chelsea Edouard Mendy yidogeye ibinyamakuru vyihenze mu gukoresha isanamu yiwe mu nkuru zerekeye umukinyi wa Manchester City Benjamin Mendy.
Uwo mukinyi w'inyuma muri City n'Ubufaransa Benjamin Mendy yagirijwe ivyaha bitandatu birimwo gusambanya ku nguvu no guhohotera bishingiye ku gitsina, kandi n'ubu akaba akiri mu minwe y'igiporisi.
Amafoto ya Edouard Mendy na muvyarawe akinira Real Madrid, Ferland Mendy, yarakoreshejwe mu nkuru zerekeye Benjamin.
Edouard Mendy avuga ko kuzikoresha ari "ikimenyetso gikomeye cane".
Uwo akinira n'igihugu ciwe ca Senegal yanditse kuri Instagram ati: "Birababaje kubona mu 2021, mu Bufaransa co kimwe no mu Bwogereza, kuri bamwe bamwe, abirabure bafatwa nk'abantu batagira amazina canke badashobora gutandukanywa uko basa.
"Uko 'kwihenda' ku mafoto bisa n'uko ata kintu kinini bivuze, ariko mu vy'ukuri siko biri, n'ikimenyetso gikomeye.
"Nta na kimwe kigoye mu gutandukanya amasura y'abantu babiri, na cane cane ko udupira bambara dufasha cane [kuko twanditseko amazina yabo]!"
Muri Myandagaro/Kanama (ukwezi kw'umunani), Benjamin Mendy yagirijwe ivyaha bine vyo gusambanya ku nguvu n'ikindi co guhohotera bishingiye ku gitsina.

Ahavuye isanamu, Edouard Mendy/Instagram
Ivyo vyaha yagirizwa bijanye n'ibivugwa ko yoba yarahohoteye abagore batatu bafise hejuru y'imyaka 16 i muhira iwe hagati y'ukwezi kwa Gitugutu/Ukwakira (kw'icumi) n'ukwezi kwa Myandagaro mu 2021.
Ku wa gatatu, uwo mukinyi w'imyaka 27 yararengutse muri sentare kugira abazwe ku bindi vyaha bibiri bijanye no guhohotera i Macclesfield muri Mukakaro/Nyakanga na Myandagaro/Kanama.
Yaciye ahagarikwa na City amaze kwagirizwa n'igiporisi mu gihe hariko harakorwa amatohoza.










