Cristiano Ronaldo: indege yakoze imyiyerekano ku vyaha vyo gufata ku nguvu yagirizwa

Ahavuye isanamu, Mark Waugh
Icapa kiriko ivyandiko vyo gushigikira umugore yagiriza umukinyi rurangiranwa Cristiano Ronaldo ko yamusambanije ku nguvu cacishijwe hejuru y'ikibuga Old Trafford mu gihe hariko haba urukino rwa Manchester United.
Umuhari w'abagore Level Up uvuga ko babikoze kugira ngo bibutse abarorerezi ibijanye n'ivyo uyu mukinyi yagirizwa vyo gusambanya ku nguvu.
Kathryn Mayorga avuga ko yafashwe ku nguvu n'uyu mukinyi mw'ihoteri ya Las Vegas mu 2009.
Mu 2019, abashikirizamanza ba Amerika bavuze ko Ronaldo, asanzwe ahakana ibi birego, atashobora kurengutswa mu butungane.
Indege ifise icapa "#Believe Kathryn Mayorga" (ni ukuvuga ngo "Emera Kathryn Mayorga") yagurutse hejuru y'ikibuga urukino uyu murwi wariko ukina na Newcastle United rutanguye.
Uyu mukinyi w'umunya Portugal yinjije ibitsindo bibiri mu rukino rwiwe rwa mbere akiniye Manchester United inyuma y'imyaka 12, aho aba ba Reds birahiye Newcastle United 4-1.

Ahavuye isanamu, PA Media
Umupfasoni Mayorga avugwa ko yoba yarumvikanye na Ronaldo ko bobirangiza atarinze kwitwara mu 2010, akaba yoba yamwemereye kumuha igipfukamunwa c'amadorari 375.000 y'abanyamerika yemeye ko atazobishira hejuru.
Ababuranira Ronaldo bavuga ko uwo mwumvikano "uterekana na gato ko yemera icaha".
Bavuga ko uyu mukinyi yemeye gutanga aya mahera akurikije impanuro yahawe "ko yohagarika ibi birego biteye isoni kugira ngo izina ryiwe ntiricafuzwe kubera amateka yiwe yashitseko mu buryo bugoye, kubera ubushobozi bwiwe".
Mu 2018, umupfasoni Mayorga yarashatse gusubira kwugurura urubanza, aho umugore amuburanira yavuze ko yatewe intege n'isekeza ryiswe #MeToo (na jewe) ryo kurwanya ihohotera rishingiye ku gitsina.
Igipolisi ca Las Vegas cakoze amatohoza kuri ibi birego kivuga ko "ata vyemezo nyavyo biriho", ko rero kidashobora gutegeka ko Ronaldo arengutswa mu butungane.
Umushikirizamanza w'akarere yavuze ko umupfasoni Mayorga yamenyesheje ko yafashwe ku nguvu mu 2009, ariko akaba yaranse kuvuga aho vyabereye canke kuvuga uwabimukoreye, "ivyatumye igipolisi kidashobora gukora amatohoza yimbitse".

Ahavuye isanamu, PA Media
Ronaldo ntahakana ko yabonanye n'uyu mugore, ariko ko babonanye bavyumvikanye igihe yari hafi yo kuva muri Manchester United aja muri Real Madrid.
Mu 2018, yanditse kuri Twitter ati: "Sinemera na gato ivyo nagirizwa. Icaha co gufata ku nguvu ni icaha c'agahomerabunwa kitajanye n'ico ndi n'ukwizera kwanje".
Ishirahamwe Level Up rivuga ko ryashaka "gusambura iri hayagizwa" ry'uyu mukinyi avugwa birenze urugero ko yagarutse muri Manchester United.
Umwe mu barirongoye Janey Starling avuga ko bashatse gutanga "ubutumwa ku bakunzi b'umupira w'amaguru ko ibirego vyo gufata ku nguvu atawushobora kubizibira mu kibuga".










