Umukinyi Neymar arahakana ivyo yagirizwa vy’ugufata ku nguvu

Neymar ari muri Brezili mu myimenyerezo hamwe n'umurwi nserukiragihugu witegurira ihiganwa Copa América

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Neymar ari muri Brezili mu myimenyerezo hamwe n'umurwi nserukiragihugu witegurira ihiganwa Copa América

Umukinyi Neymar wo mu gihugu ca Brezili, arahakana yivuye inyuma ibirego bivuga ko hari umugore yafashe ku nguvu mu gisagara ca Paris.

Ku cegeranyo cakozwe n'igipolisi mu gisagara ca São Paulo kiri mu buseruko bushira ubumanuko bwa Brezili, uyo mugore avuga ko Neymar yamufashe ku nguvu ari mw'ihoteri iri ku mugwa mukuru w'Ubufaransa, aho uyo mukinyi asanzwe akinira mu murwi Paris St-Germain (PSG).

Abafasha ba Neymar basohoye itangazo rivuga ko uyo mukinyi "yahakanye yivuye inyuma" ico kirego.

Neymar ubu asanzwe ari muri Brezili aho ari mu myimenyerezo hamwe n'umurwi nserukiragihugu witegurira ihiganwa Copa América rihuza imirwi nserukirabihugu ya Amerika y'Ubumanuko.

Mbega aregwa iki?

Nk'uko inzandiko z'igipolisi zibivuga, uyo mugore - izina ryiwe ritatanzwe - yamenyanye na Neymar aciye ku rubuga hwaniro rwa Instagram, ariho yaciye amusaba ko bohurira i Paris.

Yaciye amurungikira itike y'indege imuvana muri Brezili ikamushikana mu Bufaransa, aho yari yamufatiye icumba mw'ihoteri yitwa Sofitel Paris Arc Du Triomphe.

Uyo mugore avuga ko igihe Neymar yashika kuri iyo hoteri kw'igenekerezo rya 15 z'ukwezi kwa gatanu, "yasa n'uwari aborewe".

Urwo rwandiko rwa polisi ruvuga ko bamaze kuyaga n'ukuramukanya, "hageze igihe Neymar atangura gukara, anakoresha ingimba arangura amabanga y'abubatse uyo mugore atavyiyumvamwo".

Urwo rwandiko ruvuga ko uyo mugore yagiye gusubira muri Brezili haciye iminsi ibiri, ata n'uko ashikirije igipolisi c'Ubufaransa ivyamubayeko , kubera "yari atekewe n'ubwoba anatinya kuvuga ivyamubayeko mu kindi gihugu".

None Neymar avuga iki?

Mw'itangazo ryasohowe n'abafasha ba Neymar iyo nkuru imaze gukwira hose, bavuga bati: "Turiyamirije twivuye inyuma ivyo birego bidafise ishingiro, cane cane n'ingene ibinyamakuru vyerekana ko ari ibintu biteye ubwoba".

Neymar

Ahavuye isanamu, Getty Images

Ejo ku munsi wa gatandatu, se w'uyo mukinyi, Neymar dos Santos, yabwiye televiziyo Band TV yo muri Brezili ko "biboneka y'uko yatezwe umutego".

Yongeyeko ati: "Mu gihe abantu batonyurwa, canke ngo ukuri kuboneke hakiri kare, ibintu bizokomera. Bibaye ngombwa ko twerekana WhatsApp ya Neymar n'ibiganiro yagiranye n'uyo mukorwa, tuzobikora".

None Neymar ariteguye gukina muri Copa América?

Uyo musatirizi w'imyaka 27 y'amavuko yaratswe uburenganzira bw'ukuba kizigenza w'umurwi nserukiragihugu wa Brezili kubera inyifato itabereye.

Ivyo bikurikiye ingingo y'abarongoye ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu Bufaransa yo kumubuza inkino zitatu, inyuma y'aho akubitiye umufana igihe PSG yari ihejeje gutsindwa n'umurwi Rennes mu rukino rwa nyuma rw'igikombe c'Ubufaransa mu kwezi guheze kwa gatanu.

Bivugwa kandi ko yateye n'umudugararo mu cumba c'ukwihinduriramwo.

Iryo higanwa rya Copa América rizobera muri ico gihugu kuva ku wa 14 z'ukwa gatandatu gushika ku wa 07 z'ukwezi kw'indwi. Brezili iri kumwe n'ibihugu vya Bolivia, Venezuela na Peru mu murwi A.

Ku munsi wa kabiri, Neymar vyabaye ngombwa ko ahagarika imyimenyerezo igihe yavunika mw'ivi, n'aho vyavugwa ko bitari bikomeye.