Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Burundi: 'Abatavuga rumwe n'ubutegetsi barafungwa, baricwa, bakaborezwa igufa'-HRW
Ishirahamwe Human Rights Watch rivuga ko inzego zijejwe igendereza, igipolisi n'urwaruka rw'umugambwe uri ku butegetsi, IMBONERAKURE, bishe, bagapfungira abantu ubusa, bakababoreza igufa bakongera bagatoteza abari mu migambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi canke biketswe ko bakorana n'imirwi yitwaje ibirwanisho.
Mu cegeranyo ryasohoye kuri uyu wa 18 Rusama, iri shirahamwe rivuga ko ryakoze amatohoza mu ntara za Cibitoke na Kayanza.
Rivuga ko abategetsi mu kwishura ku bitero vy'abitwaje ibirwanisho batoteje abatavuga rumwe n'umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD batitayeho gukora amatohoza, kwerekana ivyemezo bifadika no kurengutsa abiketswe imbere y'ubutungane.
Clémentine de Montjoye, umushakashatsi mw'ishirahamwe Human Rights Watch asaba ubutegetsi bwa Perezida Evariste Ndayishimiye "kwitaho kurengutsa abakora ibi vyaha vy'ihohotera, harimwo bamwe mu bagize inzego z'umutekano".
"Abarundi bazova mu bwoba igihe ababahohotera bazoba bahanywe".
Reta y'Uburundi ntaco irashikiriza kuri iki cegeranyo gishasha.
HRW ivuga ko yavugishije abantu barenga 30 hagati ya Gitugutu (10) 2021 na Ndamukiza (4) 2022, muri bo harimwo abakorewe amabi, ivyabona, imiryango y'abakorewe aya mabi, abaserukira abatavuga rumwe n'ubutegetsi, hamwe n'abaharanira agateka ka zina muntu mu Burundi.
Ivuga ko muri izo ntara yakoreyemwo amatohoza yayo, ukudahanwa kw'abakora ubu bwicanyi, iyicarubozo n'ayandi mabi gutuma abanyagihugu baba mu bwoba.
HRW ivuga ko mu matohoza yakoze yasanze umuntu ashobora gufatwa akaburirwa irengero, hanyuma abategetsi ntibanamenyeshe abiwe aho aherereye, "mu ntumbero yo kumwima uburenganzira bwo gukingirwa n'amategeko".
Ivuga ko imiryango y'abakorewe amabi bavuga ko batinya kubaza iyo ababo bari canke gushika ku birindiro vy'igipolisi n'ibigo bijejwe igendereza kugira babaze iyo ababo bari.
Riti: "Rimwe na rimwe, bene umuntu barituye abategetsi, ariko bakavuga ko ata makuru babahaye ku bijanye n'iyo ababo bari. Imiryango imwe ifata ko abayo bagandaguwe igaca iheba kubarondeza".
Mu turorero tutari duke itanga, HRW iravuga nk'umunywayi w'umugambwe CNL w'imyaka 25 avugwa ko yahamagawe kuri terefone ku wa 27 Nzero (1) n'imbonerakure muri komine Mugina y'intara ya Cibitoke, gushika ubu bakaba batarasubira kumuca n'ikanda.
Uwo mu muryango wiwe wabwiye iri shirahamwe ko abagabo bane bambaye umwambaro w'igipolisi baje n'imodoka ivugwa ko ari iy'igendereza baramutora baca baramutwara.
HRW isubiramwo amajambo y'uyu muntu aho avuga ati: "Imbonerakure imwe yari imaze igihe imubwira ko yova muri CNL akishikana mu mugambwe uri ku butegetsi".
"Mfise ubwoba ko yishwe. Ibi ni vyo bishikira abantu hano batavuga rumwe na reta. Ndazi ko udashobora kumugarukana, ariko n'imiburiburi bwira amakungu ibiriko biraba".
Iri shirahamwe rivuga ko iki cigwa gishobora kuba cerekana agace gato k'amabi menshi y'ihonyangwa ry'agateka ka muntu kubera amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu adashobora gushika mu karere.
N'aho umuvugizi w'ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati, umutekano n'iterambere, Pierre Nkurikiye, aherutse gusaba ko ababuze irengero ry'ababo biketse ko banyurujwe bokwitura abajejwe ubutungane canke abategetsi kugira bakore amatohoza, HRW ivuga ko abakora ivyo batigera bakurikiranwa.
HRW ibabazwa n'uko ibihugu bimwe nk'Ubumwe bwa Bulaya, Amerika n'amashirahamwe mpuzamakungu amwe amwe, babandanya biyegereza abategetsi b'Uburundi, mbere n'ibihano vyari vyafatiwe Uburundi bigafutwa, mu gihe "hari ivyemezo ko amabi abandanya gukorwa mu Burundi."
HRW isaba ibihugu n'amashirahamwe mpuzamakungu n'ay'akarere akorana n'Uburundi gufasha kugira ngo aya mabi y'ihonyangwa ry'agateka ka zina muntu ahagarare.
Montjoye ati: "Nimba koko incuti z'Uburundi zipfuza iterambere mu bijanye no kugarukana intwaro ibereye, bakwiye kwitaho akamaro ko guhangana n'iki kibazo c'ukudahana abakora aya mabi".
BBC yagerageje kurondera abategetsi b'Uburundi kugira bagire ico bashikiriza kuri ibi bivugwa na Human Rights Watch ariko gushika ubu ntibirashoboka.
Ariko ivyegeranyo nk'ivyo reta y'Uburundi ikunze kuvyiyamiriza harimwo n'ibikorwa n'inzego za ONU zijejwe agateka ka ziza muntu.
Umugwi wa ONU wari ujejwe gutohoza ku mabi yakozwe mu Burundi kuva mu 2015 warinze urangiza ikiringo c'imyaka itanu mu mwaka uheze abawugize batigeze bemererwa guhonyoza ikirenge mu Burundi.
Intumwa idasanzwe ku gateka ka zina mu Burundi yagenywe uwo mugwi urangije ikiringo, nayo reta y'Uburundi yavuze ko itazoyiha ikaze mu gihugu.