Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Burundi - EU: Ishirahamwe rya Buraya ryakuyeko ibihano ryafatiye u Burundi
Ishirahamwe rya Buraya ryakuyeko ibihano vy'ubutunzi ryari ryarafatiye leta y'u Burundi kuva mu 2016
Mw'itangazo rigenewe ibitangazamakuru, urwego rw'ishirahamwe rya Buraya rwavuze yuko rukuyeko ibihano vyari vyarafatiwe leta y'u Burundi, birimwo intererano ku nteguro y'amafaranga leta ikoresha, hakaba huguruwe inzira yuko ukwo gufashanya kwosubira.
Iyi ngingo y'ishirahamwe rya Buraya, canke EU, ngo ni umwimbu w'ibikorwa vya politike bibereye vyatangujwe n'abajejwe intwaro mu Burundi kuva ku gihe c'amatora yo mu 2020, bikaba "vyarazanye icizere ku banyagihugu b'u Burundi".
Ingingo yo gufatira u Burundi ibihano vy'ubutunzi yakurikiye indyane za politke zatejwe n'ingingo y'umuhisi Prezida Nkurunziza yo kwitoza mu kindi kiringo kitabonwa kumwe na bose mu 2015.
Ku bw'izo mvo, EU yafashe ingingo mu 2016 yo gufatira u Burundi ibihano vy'ubutunzi hisunzwe ingingo ya 96 y'amasezerano ACP-EU ( Afrique Caraibe et Pacifique - EU), ajanye no kwubahiriza agateka ka zina muntu, demokrasi hamwe n'intwaro ibereye.
EU ariko ivuga yuko hakiri intambwe yo gutera mu bijanye n'agateka ka zina muntu, demokrasi hamwe n'intwaro ibereye, ibintu ngo bizobera ngirakamaro Abarundi bose, kandi bikazoshikwako mu kwisunga umugambi wumvikanyweko wo kubandanya ibiganiro hagati y'u Burundi na EU.
Abaharanira agateka ka muntu bavyamirira kure
Ariko amashirahamwe aharanira agateka ka muntu, harimwo na Human Rights Watch, yiyamirije ico cemezo akavuga ko kije hataragera.
Ayo mashirahamwe asanga guhonyanga agateka ka muntu mu Burundi bikibandanya, naho Prezida Evariste Ndayishimiye yari yatanze icizere igihe yashikira amabanga yo kurongora u Burundi haraciye umwaka urenga.
Imbere y'uko EU ifatira ibihano u Burundi, yaraterera amafaranga ashika hafi 50% y'amafaranga leta y'u Burundi ikoresha mu nteguro yayo, guhagarika iyo mfashanyo bikaba vyaratumye leta ica ibwirizwa kuduza amakoli hamwe no kwikora ku bindi bihugu nk'Ubushinwa.
Vyatumye kandi ubutunzi bw'u Burundi buhungabana, ifaranga naryo riratakaza agaciro kubera ubukene bw'amafaranga y'amadevize mu gihugu.