Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Acat-Burundi: Germain Rukuki yasohotse ibohero inyuma y'imyaka irenga ine
Germain Rukuki kuva ku mugoroba wo ku wa gatatu araye yidegemvya inyuma yo gusohoka ibohero rya Ngozi aho yari apfungiwe kuva agifatwa mu 2017, nk'ukwo vyemezwa n'umwe mu bashingwamanza biwe Maitre Ildephonse Congera.
Germain Rukuki yari umukozi w'ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu ACAT Burundi, yari yakatiwe gupfungwa imyaka 32 mu 2018 ku vyaha vyo guhungabanya umutekano w'igihugu no kugarariza.
Germain Rukuki yagumye ahakana ivyo yagirizwa kuva agifatwa.
Yarekuwe hashizwe mu ngiro ingingo ya sentare isubiramwo imanza ya Ntahangwa yavanye igihano yari yaraciriwe c'imyaka 32 mu 2018 na sentare nkuru ya Ntahangwa ikagishira ku mwaka umwe gusa.
Hari haheze iminsi icenda sentare iciye urwo rubanza, amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu akaba yari amaze gutangura gushikriza amakenga yo kuba atarekurwa ngo asohoke ibohero kandi sentare yamurekuye.
Inyuma y'impari n'intureka vyakurikiye ingingo y'umuhisi prezida Pierre Nkurunziza yo kwitoza ubugira gatatu kurongora Uburundi mu 2015, amashirahamwe menshi adaharanira inyungu za poritike harimwo ayo agateka ka zina muntu yarahagaritswe canke arafutwa.
Muri izo harimwo Acat-Burundi, Aprodh, Ligue Iteka, Focode, Forsc, Olucome, na Parcem. Iryo rya nyuma ariko ubu riherutse kwemererwa gusubira gukora.
N'ibiro vya ONU bikurikirana agateka ka zina muntu mu Burundi vyarugawe burundu.
Kuva ku myaka 32 gushika ku mwaka umwe
Mu kwezi kwa gatandatu mu mwaka uheze urubanza rwiwe sentare gasamburamaza yararusambuye ica irusubiza mw'iburanishwa.
Yari yasanze hari amategeko ajanye n'iburanishwa ry'imanza atari yubahirijwe igihe rwacibwa.
Sentare isubiramwo imanza ya Bujumbura yaciye isubira kuruburanisha, irushira mu mwiherero mu kwezi kwa gatatu.
Yaciye urubanza rwo kugabanya igihano ciwe kuva ku myaka 32 gushika ku mwaka umwe gusa muri uku kwezi kwa gatantatu.