Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Intambara yo muri Ukraine: Russia iriyamiriza US iyagiriza ubumenja
Uwuserukira Uburusiya muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika Anatoly Antonov ariyamiriza amajambo yashikirijwe n'umuvugizi wa Pentagone John Kirby aho yagirije Perezida Vladimir Putin ko akora ibikorwa vy'ubumenja mu gitero kuri Ukraine.
Ku wa gatanu mw'ijoro, Kirby yahatswe gukorora amosozi igihe yabaza ingene umuntu wese "akomeye mu mutwe" yoshobora gusigura amabi akorwa n'Uburusiya.
Yongeyeko ati: "Sinibaza ko hari umuntu yokwishimira na gato urugero rw'ubukozi bw'ibiki n'ubugome [vya Putin]".
Mu butumwa bwiwe yacishije ku mbuga hwaniro, Antonov avuga ko amajambo ya Kirby ari "igitutsi kandi ko adashobora kwihanganirwa".
Ati: "Bimaze kuba umugenzo hano ko abategetsi bashikiriza amajambo ashingiye ku binyoma bitangwa n'abategetsi ba Ukraine".
Uyu muserukizi w'Uburusiya avuga kandi y'uko Amerika idashaka ko intambara yo muri Ukraine irangira.
"Ikiraje ishinga John Kirby na bagenziwe ni uko inganda za gisirikare za Amerika ziyegeraniriza amafaranga mu kwikurako ibirwanisho vyazo bishaje".
Arangiza avuga ko Kirby "yatakaje icizere nk'umutegetsi wa Amerika, mu gukoresha ibitutsi vyo mw'ibarabara".