Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ibitero muri Transnistria na Ukraine: Iyi ntambara yoba iriko irarandagata?
- Umwanditsi, Na Laurence Peter
- Igikorwa, BBC News
Ibiturika bitangaje vyumvikanye i Transnistria, akarere kagenzurwa n'Uburusiya kiyonkoye kuri Moldavie/Moldova ihana urubibe na Ukraine, vyatumye haba ubwoba ko intambara ya Ukraine ishobora kuba iriko irakwiragira mu bindi bihugu.
Abategetsi b'iyi ntara yiyonkoye bavuga ko abanya-Ukraine "binjiye mu kinyegero" ari bo babikoze. Hagati aho, Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine avyegeka ku Barusiya.
Uburusiya buvuga ko bufise impungenge. Bufise ingabo zababa 1500 muri Transnistria.
Umutegetsi yavuze ko abanyagihugu bo muri Moldavie bavuga Ikirusiya bariko baratotezwa.
Iki nico cabaye icitwazo mu gusigura igitero bwakoze muri Ukraine.
Abategetsi ba Transnistria bavuga ko mu misi ibiri iheze, ibi bibombe vyatewe:
- Ku cicaro c'igisata kijejwe umutekano i Tiraspol, igisagara gikuru
- Ku minara y'amaradiyo yahoze yegamiye ubutegetsi igihe c'intwaro y'aba Soviet yakoreshwa mu gushikiriza amakuru mu Kirusiya.
- Ikirindiro ca gisirikare kiri ahitwa Parcani, ikigwati kiri hanze gato ya Tiraspol
Nta wahasize ubuzima, ariko hari igabisha ko hashobora kuba ibitero vy'iterabwoba, ibi bigasigura ko umutekano wakomejwe muri ako karere kiyonkoye kuri Moldavie mu ntambara ntoya mu 1992.
Umutegetsi wa Transnistria yavuze ko abantu batatu batamenyekanye binjiye mu kinyegero bavuye muri Ukraine bateye icicaro c'igisata kijejwe umutekano bakoresheje igisasu giterwa n'inkoho. Ibi ntibiremezwa.
Kremlin (ibiro vy'umukuru w'igihugu c'Uburusiya) ivuga ko iriko irakurikiranira hagufi ingene ibintu bimeze kandi ko ari "ibintu biteye amakenga".
I Kyiv, Perezida Zelensky yerekanye neza ko ivyo vyakozwe n'Uburusiya, yongerako ati: "Intumbero irazwi - guhungabanya akarere, gutera ubwoba Moldavie. Vyerekana ko mu gihe Moldavie yofata mu mugongo Ukraine, hoba intambwe kanaka".
Ku wa kabiri, Zelensky yavuze ati: "Ariko turazi ubushobozi bwabo, igisirikare ca Ukraine kiriteguye kandi ntitubatinya".
None intambara yoba iri mu gukwira hose?
Intambara yokwaduka muri Transnistria ishobora guhungabanya Moldavie igatuma hugururwa urundi rwesero (front) mu ntambara ya Ukraine. Odesa, igisagara gikomeye ca Ukraine kiri ku nkengera y'inyanja, iri hampande ya Transnistria mu buseruko.
Mu gihe Uburusiya bworungika izindi ngabo muri Transnistria, bushobora guca butera buja muri Odesa buvuye mu burengero. Ingabo za Ukraine zarazibiye iz'Uburusiya zariko zitera zija muri ico gisagara zivuye mu buseruko. Rero bishobora gutuma ingabo za Ukraine zihindura iinzira mu gihe zisanzwe zitorohewe.
Ku wa gatanu w'indwi iheze, intwazangabo y'umujenerali w'umurusiya, Rustam Minnekayev, yavuze ko "kwigarurira ubumanuko bwa Ukraine ari iyindi nzira nzira yo kwinjira muri Transnistria, ahandi abavuga ururimi rw'ikirusiya batotezwa".
Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya yariyemeje "gukingira" abavuga Ikirusiya mu bihugu vyahoze bigize icitwa Reta Zunze Ubumwe z'Abasovieti. Iki cari co citwazo ciwe mu gutera Ukraine. Moldavie yahoze ari igihugu c'aba Soviet.
Uno musi, incuti ya hafi ya Moldavie ni Roumanie ariko, nk'uko bimeze kuri Roumanie, Moldavie si umunywanyi wa OTAN canke w'ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Bulaya. Abenshi mu banya Moldavie bafise ibitabo vy'inzira vya Roumanie kandi bakora muri UE/EU.
Moldavie ni kimwe mu bihugu bikenye cane ku mugabane wa Bulaya. Kirimwo kandi n'abanyagihugu benshi bavuga ururimi rwa Ukraine. Yakiriye impunzi za Ukraine zirenga 437.000, mu gihugu kirimwo imiriyoni 2.6 z'abantu, igitigiri kinini gusumba ibindi bihugu ufatiye ku banyagihugu bitunze.
Umukuru w'igihugu wa Moldavie, Maia Sandu, yegamiye cane uruhande rw'Ubumwe bwa Bulaya, ariko uwo yasubiriye Igor Dodon - kandi n'ubu agifise abanywanyi benshi - yari yegamiye ku Burusiya.
Moldavie yarabujije kwerekana ku mugaragaro ikimenyetso citiriwe George Mweranda (St George, iki kikaba ari kimwe mu bimenyetso bizwi cane kandi bikoreshwa cane mu Burusiya mu kwerekana agaciro k'igisirikare) hamwe n'urudome Z ikimenyetso c'igitero c'Uburusiya muri Ukraine.
Transnistria iri amaja he?
Aka karere kiyonkoye - kakaba kagizwe n'ubutaka buri hagati y'uruzi Dniester n'urubibe rwa Ukraine - katangaje ko kikuye kuri Moldavie mu 1990 - n'aho amakungu atakemera nk'igihugu.
Inyuma y'intambara ya kabiri y'isi yose, Moscou yashinze icatanguriye Moldavie, ico yise République Socialiste Soviétique de Moldavie/Moldavian Soviet Socialist Republic, kuva mu karere ka Dniester karwiriyemwo abavuga Ikirusiya kari akarere kigenga ka Ukraine, hamwe n'akarere bihana urubibe ka Bessarabia, kahoze kegukira Roumanie kuva mu 1918 gushika 1940.
Ariko igihe icahoze ari Reta Zunze Ubumwe z'Abasoviyeti gisambukiye, haravyutse ubwoba ko Moldavie yashaka kwitwara uko ishaka hamwe n'uko Moldavie na Roumanie vyashaka kwiyunga, bica bituma ako karere kiyonkora.
Abantu bashika 700 barishwe mu ntambara yamaze igihe gito ku rubibe rugabura Moldavie na Transnistria - amasezerano yo guhagarika intambara akaba yateweko igikumu mu 1992. Aya masezerano yahagarikiwe n'ingabo z'Uburusiya ziri i Transnistria.