Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ubwo koko Ukraine irashobora gutsinda iyi ntambara? iki be n’ibindi bibazo bine ku gitero ca Russia
Abanya Ukraine barabandanya binanata mu guhangana bikomeye n'Uburusiya inyuma y'ukwezi kurenga Perezida Vladimir Putin agomoreye ingabo kuri iki gihugu.
Ingabo za Ukraine zatanguye kwisubiza uturere tumwe tumwe twari twigaruriwe n'ingabo z'Uburusiya.
Ku ruhande rwabwo, Uburusiya muri ino ndwi bwari bwatangaje ko bugiye kugabanya ibikorwa vyabwo vya gisirikare mu micungararo y'umugwa mukuru Kyiv be no mu gisagara ca Chernigov kiri mu buraruko.
Reta ya Volodymyr Zelensky itangaza ko ingabo za Ukraine zirukanye iz'Uburusiya mu micungararo y'umugwa mukuru Kyiv kandi ko zigaruriye akarere kose ka Kyiv.
Perezida Zelensky arakeza kandi ingabo za Ukraine zimaze indwi zitari nke zihanganye n'iz'Uburusiya mu gisagara ca Mariupol kibandanya gicucakirwa ibibombe kuva intambara itangura. Muri iki gisagara ingabo za Ukraine zararahiye zirarengwa ko zitarekura.
Abantu baharurwa mu miriyoni zine baramaze guhunga Ukraine mu gihe abandi bagera ku ca kane c'abanyagihugu bavugwa ko bahungiye hagati mu gihugu.
Ibi nivyo bituma abatari bake mu bumviriza canke basoma amakuru y'iyi ntambara bibaza ibibazo vyinshi ariko ntibaronke inyishu ku bijanye n'ingene ibintu bimeze ku rubuga rw'intambara hamwe n'ingene bishobora kugenda mu gihe gito canke kirekire kiri imbere.
Abanyamakuru babiri ba BBC Orla Guerin na Jenny Hill baragerageza kwishura bimwe mu bibazo bikuru bikuru abantu bibaza.
Guerin akaba ari i Kyiv, umugwa mukuru wa Ukraine, nayo Hill akaba ari i Moscou, umugwa mukuru w'Uburusiya.
1. Ubwo koko birashoboka ko Ukraine "itsinda" iyi ntambara?
Orla Guerin:
Mu mvugo ya gisirikare, umuntu yovuga ko "vyose gushika ubu bigenda neza" kuri Ukraine.
Putin n'amakungu baguye mu gahundwe babonye ingene abanya Ukraine bihagazeko bagahangana n'igisirikare gikomeye kandi gifise ibikoresho vya rutura. Aho nyene, niko kandi n'amakungu atangazwa n'akajagari karangwa mu ngabo z'Uburusiya mbere ziboneka ko ata buhinga bwinshi zifise.
Akarorero ni ako mu ndwi iheze aho ingabo za Ukraine zaneshejeje iz'Uburusiya mu micungararo ya Kyiv zikigarurira uturere. Ingabo za Ukraine zatubwiye ko Abarusiya bagerageje kuzomora incuro zine zose mu kwezi guheze, ariko ko buri gihe cose babigerageje zashoboye kubasubiza inyuma. Iki kirerekanwa n'ibifaru n'amamodoka y'intambara vy'Uburusiya vyaturiwe.
Iki gitero c'Uburusiya ubu kiri mu ndwi igira gatandatu kandi Abarusiya hari ahatari hake hakomeye bananiwe: barananiwe no gufata umugwa mukuru, bananirwa gusenyura reta, mbere ubu bakaba ata gisagara gikuru na kimwe barashobora kwigarurira kiretse Kherson mu bumanuko. Ikintu conyene kigaragara, ni uko Uburusiya gushika ubu bumaze kwonona vyinshi gusumba ivyo bumaze kwigarurira, ni igitero gitwara uburyo bwinshi ariko inyungu kimaze gushikako zikaba ata kintu kirimwo.
Ariko n'aho biri uko, ubu haracari kare kwibaza iherezo ry'iyi ntambara.
Kumbure dushobora kuba turi ku ntango y'intambara igiye kumara igihe kirekire cane. Ubu Uburusiya buvuga ko bugiye gushira inguvu zose ku ntara ya Donbas iri mu buseruko bwa Ukraine. Kumbure bwahisemwo gukora gutyo kubera ahandi vyanse. Ariko muri kazoza bushobora gusubira kugerageza kwigarurira ubundi butaka mu tundi turere.
Biboneka ko Putin ahanze amaso cane kuri iki gitero. Birashoboka ko ashobora kubandanya arungika ingabo n'ibirwanisho bikomakomeye mu misi iza.
2. Nimba Uburusiya buriko burarondera abarwanyi mu karere k'Uburasirazuba bwo hagati, vyoba bisigura ko butizeye ingabo zabwo?
Jenny Hill:
Kremlin (ibiro vy'umukuru w'igihugu c'Uburusiya) ntishobora kwemeza ibintu nk'ivyo, ariko n'imiburiburi biragaragara ko bamwe mu ngabo z'Uburusiya ata buhinga bunini bafise kandi ko batari biteguriye iyi ntambara. Mu misi iheze, vyabaye ngombwa ko ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwemeza ko hari abarikiri binjizwa mu gisirikare kw'itegeko barungitswe kurwana muri Ukraine, ibi bikaba bitandukanye n'ivyo Putin avuga.
Moscou ivuga ko ifise "abakorerabushake" 16.000 bo mu Burasirazuba bwo hagati, abenshi muri bo barwanije wa muhari wiyita Reta ya ki Islam (Etat Islamique) mu myaka cumi iheze, biteguriye kwinjira mu ngabo z'Uburusiya. Aba bashobora kuba bafise uburambe mu ntambara gusumba bamwe muri bagenzi babo b'Abarusiya, mbere bamwe mu bahinga bemeza ko bashobora kuba bafise ubuhinga bwinshi mu ntambara zo mu bisagara, ikintu nkenerwa mu ntambara yo kwigarurira ibisagara.
Hari bamwe kandi bavuga ko aba "bakorerabushake" bashobora kuba ata kinya bogira mu gutera canke kwica abasivire ba Ukraine (ni mu gihe Abarusiya benshi bafitaniye ubucuti bwa hafi cane na Ukraine, mbere bakabona abanya Ukraine nka "benewabo"), kandi bazwi ko ari ba ruburakigongwe, ibi bigashobora kugira ingaruka mbi mu mitwe y'ingabo za Ukraine.
Kremlin ishobora kuba izi ibi vyose. Nico gituma yamye ivuga ko yipfuza kurondera abarwanyi bo mu Burasirazuba bwo hagati, n'aho gushika ubu itaremanga ku mugaragaro ko ishobora kubarungika muri Ukraine.
3. Putin yarafatiye ingingo ibinyamakuru, none birashoboka ko amakuru atangwa na Ukraine yoba atari ay'ukuri?
Orla Guerin:
Impande zompi ziri mu ntambara y'amajambo.
Mu ntambara iy'ari yo yose, amakuru ava kuri buri ruhande yerekeye abasivire bahasiga ubuzima, uturere twigaruriwe canke abansi bishwe, ni amakuru ategerezwa kwitonderwa.
Ibi birasiguritse, cane cane ku Burusiya bukora ibishoboka vyose kugira ngo abanyagihugu bame baronka amakuru atangwa na Kremlin gusa ku bijanye n'iyi ntambara. Gushika ubu, ntiyemera ko yateye Ukraine, ivuga gusa ko ari "ibikorwa bidasanzwe vya gisirikare".
Dukora ibishoboka vyose kugira ngo dutange amakuru ashikirizwa n'abavyiboneye, ari naco gituma BBC yarungitse abantu mu turere twinshi twa Ukraine, ikegeranya ivyemezo vy'abantu bari ku rubuga, harimwo abasivire, abakora mu buvuzi, abategetsi b'uturere hamwe n'igisirikare ca Ukraine.
Ukraine iremeza ko yatakaje, mbere n'abanyamakuru ba BBC mu bisagara bitandukanye barashoboye kwiboneka abasirikare ba Ukraine baguye ku rugamba bariko barahambwa. Gusa ntituzi nimba koko abaguye ku rugamba bose bamenyekana.
4. Mu gihe hoba amasezerano y'amahoro, none vyogenda gute kuri Crimea n'izindi ntara zigaruriwe n'Uburusiya?
Jenny Hill:
Turazi neza ko Putin ashaka ko amakungu yemeza ko Crimea, intara yigaruriwe mu 2014, ari iy'Uburusiya. Mu biganiro vyabaye mu ntango z'ino ndwi, uruhande rwa Ukraine rwasavye ko kazoza ka Crimea koganirwako mu myaka 15 nka kimwe mu vyotuma haba amasezerano y'amahoro arama, n'aho Putin asa n'uwuterekwa ibi.
Ashaka kandi ko amakungu yemeza (nk'uko aherutse kuvyemeza) ko intara za Donetsk na Lugansk ari ibihugu vyigenga (n'aho bigaragara neza ko vyoba ari "ibigenzurwa" n'Uburusiya).
Kubera ubu Kremlin ifise integuro yo gukora ibishoboka vyose kugira ngo "ibohoze" intara yose ya Donbas, turashobora gufata ko Putin ashaka kugerageza gufata no kwigarurira iyo ntara.
5.Abanyagihugu boba bafise ubushobozi bwo gutembagaza Putin canke guhamagaza iyindi myiyerekano mu gihe intambara yobandanya
Jenny Hill:
Ntawovyizera.
Kremlin ntishobora kwihanganira na gato umuntu uw'ari we wese adashigikiye intambara, kandi benshi mu Barusiya bayirwanya barahunze. Ya myiyerekano yahora ari urutavanako ubu isa n'iyagabanutse.
Ibiva mu matora ngereranyo (sondages d'opinion/ opinion polls) bikwiye kwitonderwa, ariko bibandanya vyerekana ko benshi (mbere bagenda biyongera) bashigikiye Putin n'"ibikorwa vyiwe bidasanzwe vya gisirikare".
Mu gihe ibinyamakuru vyigenga hafi vyose mu Burusiya vyugawe canke bigategekwa guhagarika ibikorwa, ni hake umuntu ashobora kuronderera ayandi makuru uretse mu binyamakuru vya reta, ibi navyo bikaba bishikiriza ibitanzwe na Kremlin gusa.
Bitangaza ko ingabo z'Uburusiya zinjiye muri Ukraine mu ntumbero imwe rudende yo gukingira abanya Ukraine bavuga Ikirusiya kugira ngo ntibaterwe canke ngo bakorerwe "ihonyabwoko" n'abanya Ukraine banka abanyamahanga hamwe n'abagendera ku vyiyumviro vy'aba Nazi (neo-Nazi).
Umuntu akurikira imboneshakure y'igihugu yonyene, biroroshe kuvuga ko ibi bikorwa bidasanzwe ari ibikorwa vy'iteka kandi nkenerwa mu gukingira abavuga Ikirusiya be n'Uburusiya bwo nyene ubwabwo kugira ntibuhave buterwa na Ukraine iriko irahingura ibirwanisho vy'ubumara ifashijwe na Amerika, mbere ikaba iriko ikora ibishoboka vyose kugira ngo ironke ibirwanisho vya nikleyeri.
Ibihano bwafatiwe biratanguye kugira ingaruka mbi ziboneka mu gutuma ibiciro biduga, ariko Kremlin isigura ibi nk'ikindi cemezo c'agasomborotso k'ibihugu vyo mu Burengero. Ibintu bimeze uku, biragoye kwiyumbira ko abanyagihugu bashobora gushavurira reta yabo gushika aho borondera kuyisenyura.