Ayandi makuru ku ntambara muri Ukraine: Russia ntifata ko iri mu ntambara na OTAN/NATO – Lavrov

Umushikiranganji w'imigenderanire w'Uburusiya Sergei Lavrov avuga ko igihugu ciwe kitibona mu ntambara na OTAN/NATO, nk'uko bitangazwa n'ikinyamakuru ca reta, Ria.

Avuga ko ibi vyotuma haduka intambara ya nikleyeri, ibidashobora kwihanganirwa, nk'uko bibandanya bivugwa na Ria.

Lavrov avuga kandi ko Uburusiya ata muntu n'umwe buriko buratera ubwoba ko bushobora gutanguza intambara ya nikleyeri, ariko akagiriza ibihugu vyo mu Burengero ko vyovyo biriko birabikora.

Uyu mushikiranganji w'imigenderanire yagiriza Ukraine ko ari yo ituma ibiganiro vy'amahoro bihagarara kubera ico yita "ukwiteza utunyoni" kwa Kyiv.

Ku bindi bivugwa na Sergei Lavrov, avuga ko "Abanya - Moldavie bakwiye kwitondera ibijanye na kazoza kabo, kuko bariko bahendwa ngo binjire muri OTAN", niko Ria ibandanya ivuga.

Lavrov avuga kandi ko incuti nkuru nkuru z'Uburusiya hafi zose zemeye kuriha gaze zikurikije uburyo buherutse gushikirizwa na Moscou, nk'uko bivugwa n'ikinyamakuru Tass naco nyene cegamiye reta.

Mu ntango z'ino ndwi, Uburusiya bwavuze ko buhagaritse gushorera gaze muri Pologne na Bulgaria, inyuma y'aho ibi bihugu vyankiye kuriha mw'ifaranga ry'Uburusiya, rouble.

Ubumwe bwa Bulaya buvuga ko iyi ngingo ari uburyo bw' iterabwoba.

Uburusiya buri inyuma mu nteguro bwari bufise kuri Donbas

Umutegetsi mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Amerika avuga ko Uburusiya muri inyuma mu nteguro bwari bufise bwo kwigarurira akarere ka Donbas kandi ko bugenda bukebuke.

Ukurinda kw'ingabo za Ukraine hamwe no gutinya gukora amakosa bwakoze mu kurondera kwigarurira Kyiv nivyo bituma "ata terambere riboneka" Uburusiya bugira muri ako karere, nk'uko Pentagon ibivuga.

Uyu mutegetsi avuga ko ingabo z'Uburusiya zitinya guhuruduka, akongerako ati: "Twibaza ko ivyo bariko barakora ari ukubandanya bitegurira igitero kinini kandi c'umwanya muremure".

Pentagone yibaza ko Abarusiya "n'imiburiburi bari inyuma imisi itari mike uravye ivyo bipvuza kuba bashitseko", nk'uko uyo mutegetsi abivuga.

Moscou ubu ifise batayo (bataillons) 92 mu buseruko no mu bumanuko bwa Ukraine, mu gihe hari abameze magabo ku ruhande rw'Uburusiya ku rubibe buhana na Ukraine, nk'uko bivugwa n'ubushikiranganji bwo kwivuna abansi.

Amerika iti 'ibintu ntibishobora kuba nk'uko vyahora na Putin muri G20'

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zivuga ko amakungu adashobora gukorana na Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya nk'uko vyahora imbere y'aha, ni inyuma y'aho Indonesia imuhereye ubutumire - hamwe na Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine - mu nama y'ibihugu 20 bitunze gusumba ibindi kw'isi (G20).

Perezida Joe Biden "yiyamirije ku mugaragaro ko adashigikiye ko "Perezida Putin yitaba iyo nama mu gihe Amerika "yashigikiye itumirwa rya Ukraine", nk'uko bivugwa na Jen Psaki, umunyamabanga ajejwe kumenyesha amakuru muri Maison Blanche/White House.

Avuga ko Uburusiya bwahawe ubutumire bwo kwitaba iyi nama muri iryo zinga imbere y'igitero ca Putin kuri Ukraine.

Aho nyene, umuvugizi w'ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe imigenderanire, Jalina Porter, yavuze ko "ibintu bidashobora kuba nk'ukovyamye" n'Uburusiya ku rwego mpuzamakungu.

Ntiyamenyesheje nimba Amerika izoshobora kwitaba iyi nama.

Ukraine ntiri muri uyu murwi wa G20 ugizwe n'ibihugu bitunze kurusha ibindi, mu gihe Uburusiya bwobwo burimwo.