China: Shanghai yakajije ingingo za guma-muhira kubera Covid

Muri izi ngingo nshasha harimwo isekeza ryo gupompa amazu imiti yica imigera hamwe no kubuza abanduye kuva mu mihana yabo
Insiguro y'isanamu, Muri izi ngingo nshasha harimwo isekeza ryo gupompa amazu imiti yica imigera hamwe no kubuza abanduye kuva mu mihana yabo

Abategetsi ba Shanghai mu Bushinwa bavuga ko bagiye gukomeza ishirwa mu ngiro ry'ingingo za guma mu rugo, mu gihe abandura ca kiza karanda ca Covid muri uwo mugwa mukuru w'ubutunzi bibandanya vyiyongera ku muvuduko.

Mu ngingo nshasha harimwo gushiraho imiryango ifise inkengeri za elektroniki zizobuza abanduye gusohoka, co kimwe no kuvana abantu mu mazu yabo kugira ngo apompwe imiti yica imigera.

Mu ntango y'iyi ndwi, amajana n'amajana barakuwe mu mihana yabo kugira ngo amazu yabo apompwe imiti yica imigera.

Izi ngingo zigiye gushira Shanghai muri guma mu rugo mu ndwi igira gatanu.

Abategetsi b'igisagara ca Shanghai bavuga ko abantu bose banduye, hamwe n'incuti zabo za hafi, bazoshirwa mu kibanza reta yateguye co kubugaraniramwo.

Hampande y'ivyo, ingingo zo gupompa imiti yica imigera zizokomezwa mu bibanza bimwe bimwe vy'ico gisagara bisinzikaye. Ibi bisigura ko bishoboka ko bamwe mu bahaba bazotegerezwa kuhava mu kiringo gito - harimwo n'abazoba bapimwe bagasanga ntibanduye.

Iyi ngingo ije inyuma y'imisi mike abanyagihugu bo mu yindi mirwi ibiri y'i Shanghai - Beicai na Pingwang - bategetswe kuva mu mihana yabo mu kiringo gito bakimukira mu bibanza vyateguwe.

I Beicai, urwandiko rw'ubutegetsi rwahawe abanyagihugu rwabategeka gutekera ibintu vyabo kandi bagasiga ububati bwabo bwuguruye.

Basabwa kandi gusiga umuryango w'imbere wuguruye, Amasanamu yo ku mbuga hwaniro y'abantu batonze imirongo n'amasakoshi yabo mw'ijoro yerekana ko ibintu bitari vyoroshe.

Izi ngingo ni ikimenyetso c'uko abategetsi b'Ubushinwa bafise ishaka ryo guhagarika ikwirakwira rya Covid i Shanghai - igisagara gifatwa n'ikigega c'ubutunzi bw'igihugu.

Uturere tumwe tw'igisagara mu twugawe dufise ikibazo co kuronka imfungurwa, bikaba ngombwa ko abanyagihugu barindira imfashanyo ya reta igizwe n'imboga, inyama n'amagi.

Abategetsi baracagerageza poritike yo kurwanya Covid bagashira imbere gutuza burundu uwu mugera aho guhitamwo kubana nawo nk'uko mu bindi bihugu bahisemwo uko.

Iki kiza karanda i Shanghai, catanguye kwibonekeza mu mpera z'ukwa gatatu, kimaze kwandurwa n'abantu barenga 400.000 bamenyekanye gushika ubu hamwe na 36 bapfuye. Hafi bose ni abantu bafise imyaka yitereye, abatacandazwe bafise ibibazo vy'amagara, nk'uko abategetsi b'Ubushinwa babivuga.

Ibi vyatumye imiriyoni 25 z'ababa muri iki gisagara bategekwa kuguma muhira.