Coronavirus: Uyu muganga yagerageje kugabisha abantu, igipolisi kiti 'numa'

Ahavuye isanamu, WEIBO
Mu ntango z'ukwa mbere, abategetsi b'igisagara ca Wuhan mu Bushinwa baragerageje kunyegeza ivyerekeye umugera mushasha wa coronavirus wariko uravuka.
Umuganga umwe yagerageje kugabisha abaganga bagenziwe, igipolisi cagiye iwe kimutegeka kunuma. Haciye ukwezi aho aryamye mu bitaro yafashwe nk'incungu, inyuma y'aho amenyeshereje ivyamubayeko.
Ni ibisigabwenge vyerekana ingene abategetsi ba Wuhan mu ndwi za mbere za coronavirus bayifashe minenerwe.
Uyo muganga yari asanzwe akora mu karere uwo mugera watanguriyemwo mu kwa 12 igihe yabona abantu indwi bafise ibimenyetso vy'umugera avuga ko wasa n'uwa SARS - umugera wakoze ibara mu mwaka wa 2003.
Abo barwayi biketswe ko bakora mw'isoko rya Huanan ridandarizwamwo ibiva mu mazi mu karere ka Wuhan, bakaba bari bashizwe mu cumba ca bonyene.
Ku wa 30 z'ukwa 12 yarungikiye abaganga bagenziwe ubutumwa kuri telephone ngendanwa abagabisha ko hari indwara y'icaduka yabonetse, abahanura ko bokwambara impuzu z'ukwikingira kugira ntibandure.
Gusa ico atamenye ico gihe ni uko uyo mugera watowe wari umugera mushasha wa coronavirus.
Haciye iminsi ine, niho abategetsi bo mu biro bijejwe umutekano w'abanyagihugu bamugendera bakamutegeka gutera igikumu ku rwandiko.
Muri urwo rwandiko yagirijwe ko yariko "akwiragiza ibinyoma vyahungabanije umutekano w'abanyagihugu".
Rwavuga ruti: "Turakugabishije: ukabandanya wica amatwi, n'iyo ngendo y'ukutisonera, ubandanya n'ibi bikorwa bigayitse, uzoshikirizwa ubutungane - wavyumvise"?
Urwo rwandiko rwaherahejwe n'amajambo yanditswe na muganga Li ati: "Ego navyumvise".

Ahavuye isanamu, LI WENLIANG
Ni umwe mu bantu umunani igipolisi kivuga ko cariko gikorako amatohoza bagirizwa "gukwiragiza ibihuha".
Mu mpera z'ukwa mbere, muganga Li yarerekanye urwo rwandiko ku rubuga ngurukanabumenyi Weibo rwo mu Bushinwa, asigura ingene vyagenze.
Imbere y'aho, abategetsi b'Ubushinwa bari bamusavye imbabazi ariko izo mbabazi zaje gusabwa igihe cararenganye.
Mu ndwi za mbere z'ukwezi kwa mbere, abategetsi ba Wuhan baguma bashimangira ko uwo mugera wafata abakorakoye ibikoko bifise uwo mugera. Nta buryo abaganga bahawe bwo kwikingira.
Ariko haciye indwi imwe gusa igipolisi kimugendeye, muganga Li yakiriye umugore yari arwaye indwara y'amaso ya 'glaucoma'. Ntiyari azi ko uyo mugore yari yanduye umugera wa coronavirus.
Muri ubwo butumwa yacishije kuri Weibo, yasiguye ingene ku wa 10 z'ukwa mbere yafashwe n'inkorora, umunsi ukurikira ameneka umutwe, inyuma y'iminsi ibiri yisanga ari mu bitaro. Abavyeyi biwe nabo nyene baranduye baca bajanwa mu bitaro.
Haciye iminsi cumi, ni ukuvuga ku wa 20 z'ukwa mbere, leta y'Ubushinwa yatangaje ko uwo mugera wabaye ikiza.
Muganga Li avuga ko yipimishije incuro nyinshi ibipimo vyerekana ko ameze neza, ariko ku wa 30 z'ukwa mbere yanditse ubundi butumwa avuga ati: "Ibipimo vy'amaraso vyerekana ko nanduye".
Abantu ibihumbi n'ibihumbi baranditse ubutumwa bwo kumushigikira.
Umwe muri bo ati: "Muganga Li Wenliang ni incungu". Abandanya yerekana ubwoba afise ko muri kazoza "abaganga batazokwubahuka kugabisha abanyagihugu mu gihe bazobona ibimenyetso vy'indwara z'ivyaduka".
"Ivuriro nyaryo …rikeneye amamiliyoni aharurwa muri mirongo y'abantu nka Li Wenliang".
Video : M'Ubushinwa, ubu abategetsi bafata igihugu nk'ikiri mu ntambara











