China: Abashinwa baribuka wa muganga wa Wuhan yaburira abantu kuri Covid akanabizira

Li Wenliang

Ahavuye isanamu, Dr Li Wenliang

Insiguro y'isanamu, Muganga Li Wenliang arashimagizwa n'abanyagihugu benshi mu Bushinwa nk'incungu

Abashinwa bariko baribuka wa muganga yaburira abantu ku kiza ca coronavirus mu Bushinwa, inyuma y'umwaka uhaciye ico kiza kimuhitanye.

Baciye ku mbuga hwaniro, abantu ibihumbi n'ibihumbi banditse ubutumwa bwo kwibuka Muganga Li Wenliang mu gihe kuri uyu wa o7 z'ukwa kabiri ari ho bibuka urupfu rwiwe.

Yapfuye inyuma y'aho yanduriye Covid-19 mu gihe yariko aravura abarwayi mu gisagara ca Wuhan.

Muganga Li yari yagerageje kuburira abaganga bagenzi we ababwira ko hari indwara yasa na SARS - iyindi iterwa n'umugera ruhonyabantu coronavirus.

Ariko igipolisi camutegetse kunuma kimwagiriza ko yariko "atanga amakuru y'ibinyoma" mbere akaba yaranakozweko amatohoza aregwa ko "yakwiragije ibihuha".

Muganga Li yari asanzwe avura amaso mu bitaro biri i Wuhan -igisagara ca mbere co mu Bushinwa catanguye kubonekamwo umugera wa coronavirus mu mpera za 2019.

Urupfu rwa Muganga Li rwatumye abanyagihugu b'Ubushinwa bashangashirwa kubera ingene reta y'igihugu cabo yafashe minenerwe ikiza karanda ca coronavirus.

A Li Wenliang tribute

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Kuri uyu wa Mungu igenekerezo rya 07 z'ukwa kabiri niho bibuka urupfu rwa Muganga Li

Mu gihe ibitaro vyariko birarengerwa n'abari banduye uwo mugera, reta yoyo yafata minenerwe ubukari bw'uwu mugera mbere ikananyegeza ubushobozi ufise bwo gukwirakwira n'ingoga.

Ishavu rimaze kuba ryinshi mu banyagihugu, niho vyabaye ngombwa ko Mugnga Li yezwa mbere ahabwa icubahiro nk'incungu.

Kuva ico gihe, abantu barenga imiliyori 105 kw'isi yose nibo bamaze kwandura coronavirus, nayo imiliyoni 2.3 bakaba bamaze guhitanwa na Covid-19.

Ingene yibukwa

Uburenganzira bw'ugushikiriza ivyiyumviro buri ku rushi mu Bushinwa, aho reta ari yo yonyene itanga amakuru, aya nayo akaba yerekeye ingene yashoboye kurwanya coronavirus.

Ubushinwa burakurikirana ibiyagwa ku mbuga hwaniro.

Ariko ikonte ya Muganga Li ku rubuga rwa Weibo - urubuga rw'Ubushinwa rukora nka Twitter - yahavuye iba imwe mu mbuga nke cane aho abayikoresha bacisha ubutumwa bwabo bavuga ingene iki kiza cabahahamuye.

Abantu benshi cane banditse ku butumwa bwasizwe na Muganga Li igihe atangaza ko yari arwaye Covid-19

Ahavuye isanamu, Weibo

Insiguro y'isanamu, Abantu benshi cane banditse ku butumwa bwasizwe na Muganga Li igihe atangaza ku rubuga rwa Weibo ko yari arwaye Covid-19

Ubutumwa ibihumbi amajana n'amajana nibwo bubandanya bwandikwa mu kwishura canke bashikiriza ivyiyumviro vyabo ku butumwa yasize.

Ejo ku wa gatandatu buca bamwibuka, abatari bake baranditse bagaragaza akari ku mutima.

Musi y'urwandiko Muganga Li yasize, umwe mu banditse yagize ati: "Muganga Li, ntuzigera wibagirwa mu mateka no mu bantu"!

Uwundi na we ati: "Naguma nibaza ko bose bazba bakwibagiye inyuma y'umwaka. Narihenze, uzobandanya uri mu mitima y'Abashinwa imyaka yose".

Eka no mu gisagara ca Wuhan, abantu babandanije bamwunamira.

Hafi y'ibitaro Muganga Li yakorako, Li Pan yabwiye Reuters ati: "Niwe muntu wa mbere yatanguye kutuburira ivyerekeye uwu mugera".

"Ategerezwa kuba yari azi ingaruka bishobora kumuzanira, ariko yabandanije adutabariza. Ni ukuri yari intwari".