Ingwano muri Ukraine: Abanyeshure b'abanya-Africa batekewe n'ubwoba muri Kherson yifatiwe n'Abarusiya

A demonstrator gestures as others, displaying Ukrainian flags, chant "go home" and walk towards Russian military vehicles at a pro-Ukraine rally amid Russia"s invasion, in Kherson, Ukraine March 20, 2022

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Hakomeje kuba imyiyerekano yo kwiyamiriza igitero c'Uburusiya muri Kherson kuva ico gisagara cifatiwe n'Uburusiya itariki 3 z'ukwezi kwa gatatu
    • Umwanditsi, Na Nomsa Maseko
    • Igikorwa, BBC News, Lagos

Abanyeshure b'abanya-Afrika bashika 100 baratakamba basaba gufashwa kugira bave mu gisagara ca Kherson kiri ku kivuko muri Ukraine, inyuma y'indwi zirenga zibiri cifatiwe n'ingabo z'Uburusiya.

Binyegeje mu vyumba vyo guhungiramwo ama bombe mu buraro bwa kaminuza mu bukonje bwinshi cane, ntihagira uburyo bwo gususurutsa inzu kandi ntibaronka n'imiti.

Bavuga ko bahahamutse kandi bifuza cane icobakura muri ico gisagara. Umwe mu banyehure yabwiye BBC ko bacumva urwamo rw'amasasu n'ama bombe n'indege za gisirikare.

Urwo rushobora kuba ari urwamo rwo ku rugamba mu gihe ingabo z'Uburusiya ziguma zisunika zija mu buraruko zerekeza igisagara ca Mykolaiv.

Abanyeshure b'abanya-Nigeria bari muri abo baratakambiye reta yabo ngo ibafashe kuvayo amazi atararenga inkombe. Babwiye BBC ko bari mu banyamahanga ba nyuma bakiri muri ico gisagara.

Umwe muri abo banyehure yabwiye BBC kuri terefeone ati: "Turatakamvye, n'ukuri turakeneye kuva muri iki gisagara, ibintu ntibitworoheye namba."

Ntitubavuga amazina ku mvo z'umutekano wabo.

Reta ya Nigeria ivuga ko iriko irakora ibishoboka vyose kugirango ibavaneyo. Ku ndwi iheze uwuyiserukira i Moscou yabwiwe n'umutegetsi w'Uburusiya ko hariko harategurwa umugambi w'ingene bovanwayo baciye mu Burusiya.

Ariko ivyo ntibiraba gushika ubu kandi uko biri abo banyeshure bafise impungenge zo gushikanwa mu Burusiya.

Hagati aho abo banyeshure, harimwo abava muri Cameroun, Ghana, Misiri, Tunisia na Maroc, bavuga ko kuri kaminuza ho hakiri ivyo kurya ariko ko mu masoko vyaheze.

Aho bikiri naho, bigurishwa incuro zibiri canke zitatu igiciro vyahorako.

Temporary beds in a shelter
Insiguro y'isanamu, Abo banyeshure baryama mu vyumba vyo guhungiramwo ama bombe mu kuzimu harangwa imbeho nyinshi cane

Umwe mu banyeshure yavuze ati: "Abari muri twebwe baba mu buraro bwa kaminuza bo baracafise amahirwe kuko mu buriro haracatangwa ivyo kurya."

Uwundi munyeshure yavuze ko ingabo z'Uburusiya zigenzura ico gisagara zirakororera hasi n'indege ivyo kurya nk'imboga, umuceri, n'amazi hafi y'inyubakwa za reta n'ibituro vy'ama tereni n'ama bus hirya no hino mu gisagara.

Ariko abo banyeshure bavuga ko basabwe kudafata ivyo vyo kurya kugira abanya-Ukraine ntibabafate nk'uko boba ari ivyitso vy'Abarusiya.

Yagize ati: "Twokwemera gute kwakira imfashanyo y'Abarusiya igihe abanya-Ukraine bariko baragerageza kugaruza igihugu cabo? Uwokwubahuka kwerekana ko twakira izo ndya yoba ariko aradukwegera urupfu".

Amazi yo kumesa no gusukura inzu aracahari ariko ayo kunywa ntakiboneka cane. Amashirahamwe afasha aratanga amazi n'ivyo kurya ariko ntawuzi gushika ryari ivyo bizokorwa.

line
line

Kherson kiri mu bisagara vya mbere bikomeye vyafashwe n'Uburusiya mu ndwi ya mbere y'igitero, kuva ico gihe abahaba bakaba baguma bagira imyiyerekano ku kwiyamiriza Abarusiya.

"Twaje muri iki gihugu tuzanywe no kwiga amashure none turi hagati mu ntambara, aho iriko irabera nyenizina."

"N'ubwo twebwe ubwacu ata ntambara turabona, abanya-Ukraine tuvugana batubwiye ko batarota bashira ibigwanisho hasi. Bashaka kugaruza igisagara cabo, hanyuma igihugu cose."

Uwo munyeshure avuga kandi ko ingabo z'Uburusiya zanse ko indya zizanwa mu gisagara zivuye mu bindi bice vy'igihugu mu gutinya ko abasirikare ba Ukraine bokwikika mu kiza bakagaruka muri Kherson kugwana.

'Dufise amategeko yo kurasa'

Abategetsi ba kaminuza babagiriye inama ko baramutse bihevye bakaja hanze bongenda mu migwi, no kwibohera igitambara cera haruguru y'inkokora y'ukuboko kw'ukubamfu kugira Abarusiya babone ko ari abanyagihugu basanzwe (aba Civil).

Umwe yavuze ko abasirikare b'Uburusiya bababwiye ko amategeko bafise ari "kurasa uwo wese yigenjeje nabi - kumurasa ubwo nyene".

Abanyeshure ibihumbi n'ibihumbi baturuka muri Afrika na Asia y'ubumanuko bariga muri kaminuza za Ukraine imbere y'uko Uburusiya butera ico gihugu.

Ubu bamwe bariko baragerageza kubandanya ivyigwa mu bihugu bibanyi mu gihe abandi ubu batashe mu bihugu vyabo.

Ariko ku bari muri Kherson, birabangamye kugerageza kwigwanako ngo bave muri ico gisagara, n'ubwo hari abironderera amataxi yo kubavanayo.

"Abagerageje kwivana bonyene muri Kherson n'ukugereza ku buzima bwabo", nk'uko bivugwa n'umwe mu banyeshure.

"Hari umunsi usanga abasirikare b'Uburusiya bavyukanye umutima mwiza bakubwira neza gusubira inyuma.

"Hari abandi bakara - baca barasa mu kirere mu buryo bwo ku kubwira ngo subira iyo uvuye."