Intambara ya Ukraine: Amwe mu makuru yo ku murango wo kuri uno wa mbere

Ahavuye isanamu, AFP
Abategetsi ba Ukraine bavuga ko abantu n'imiburiburi batandatu biciwe mu gitero ku kigo c'iguriro (Centre commercial/shopping center) kandi ko n'amazu atari make yononekaye mu karere ka Podilskyi ku mugwa mukuru Kyiv.
Amasanamu yasohowe n'ikigo ca Ukraine kijejwe ubutabazi yafashwe igihe iyo nyubakwa yaterwa amabombe.
Abajejwe kuzimya imiriro y'ivyaduka bahavuye baboneka mu nyuma bariko bagerageza kurokora abantu babuze iyo baja n'iyo bava mu bihomoka.
Igisasu carashwe n'Uburusiya kw'itangi ririmwo itoni 50 za ammoniaque
Abategetsi bavuga ko itangi y'itoni 50 yuzuye gaze y'ubumara yononekaye igihe ikigo ca Sumykhimprom caterwa ikibombe c'Uburusiya, ivyatumye haboneka ibicu vya ammoniaque.
Ico gicu cagize ingaruka ku karere k'ibirometero 2,5, nk'uko buramatari w'iyo ntara Dmytro Zhyvytskyy abivuga.
Avuga ko umuntu umwe ari we yakomerekeye muri iki gitero - uyu nawe akaba ari umukozi yakorera kuri ico kigo. Abanyagihugu baba mu gisagara kibanyi ca Novoselytsya basabwe kwinyegeza kubera ico gicu.
Ammoniaque ikoreshwa cane mu guhingura ifumbire kandi ironona ibintu.
Ishobora gutera ububabare no guturira ihemero ikonona n'amaso.
Abarenga imiriyoni zibiri bahungiye muri Pologne
Amakuru ya nyuma avuga ko impunzi zihunga Ukraine zababa imiriyoni 10, bamwe bahungira hanze, abandi hagati mu gihugu.
Abarenga imiriyoni 2,1 bahungiye muri Pologne kuva intambara yaduka, nk'uko bitangazwa n'igisata kijejwe gucungera imbibe za Pologne.
Hagati aho, ibitigiri vy'abajabuka biriko biragabanuka.
Ku wa Mungu honyene, abantu 33.800 barajabutse urubibe, nk'uko vyandikwa n'iki gisata ku rubuga rwa Twitter, igitigiri cagabanutse kuri 16% kuva ku wa gatandatu.
Gushika isaha cumi na zibiri z'agatondo mu masaha mpuzamakungu kuri uno wa mbere, abantu 5700 nibo bajabutse, igitigiri cagabanutse ku rugero rwa 17% .
Bamwe mu bahungiye muri Pologne baramaze gufata inzira ibajana mu bindi bihugu.
Instagram ya Beckham niyo igiye kwerekana ibikorwa vy'umuganga ariko yitanga

Ahavuye isanamu, David Beckham
Uwahoze ari kizigenza w'umurwi nserukiragihugu w'Ubwongereza mu mupira w'amaguru, David Beckham, ejo yahaye konte yiwe yo ku rubuga rwa Instagram umuganga wa Ukraine mu gisagara ca Kharkiv.
Dr. Iryna, arongoye ikigo gifasha abibarutse, yasohoye amareresi yerekana ibikorwa vy'abavuzi muri ico gisagara kimaze indwi zitatu giterwa urutavanako amabombe y'Uburusiya.
Imwe muri aya mareresi yerekana inzoya zari zihejeje kuvuka ziriko ziravurwa, hamwe n'icumba co mu kuzimu abarwariye muri iki kigo bahungishirijwemwo aya mabombe.
Beckham w'imyaka 46 ubu afise abantu barenga imiriyoni 71 bamukurikira kuri Instagram.
Dr. Iryna ari na we arongoye iki kigo avuga ati: "Imisi ya mbere niyo yari igoye cane. Vyabaye ngombwa ko twiga ingene dukorera mu mabombe n'ibitero vy'indege.
"Dusa n'abashize ubuzima bwacu mu kaga, ariko ibi ntaco bitubwiye. Turakunda akazi kacu, abaganga n'abaforoma bose hano, turatekerwa n'ubwoba, turarira, ariko nta n'umwe muri twebwe twese arota aheba".










