Ukraine: Mbega Putin ashaka iki, ubwo Russia izoteba ihagarika intambara?

Ahavuye isanamu, EPA
- Umwanditsi, Na Paul Kirby
- Igikorwa, BBC News
Igihe Vladimir Putin ata Ubulaya mu ntambara mu kugomorera ingabo ku gihugu c'imiriyoni 44 z'abantu, insiguro yatanga kwari uko Ukraine ya none yegamiye ku bihugu vyo mu burengero yari akaga kandi ko Uburusiya butari kwumva ko "butekaniwe, butera imbere canke ngo kubandanya bubaho".
Ariko inyuma y'amayinga amaze acucagira amabombe kuri iki gihugu, ibihumbi n'ibihumbi bamaze kuhasiga ubuzima amamiriyoni nabo bagata bagahunga, hari ikibazo kibandanya cibazwa: intumbero y'intambara yiwe ni iyihe, hari umuti ushoboka?
None Putin ashaka iki?
Intumbero yari afise igihe Uburusiya butangura intambara zisa n'izapfuye uko intambara yagiye igenda mu gihe yayitanguje yibaza ko yari kuyitsinda mu kanya isase. Nta n'uko yavuga ko cari igitero canke intambara, agashima kwivugira ko ari "ibikorwa bidasanzwe vya gisirikare".
Ariko ikiboneka ni uko abona iki gihe nk'ikidasanzwe mu mateka y'Uburusiya. "Kazoza k'Uburusiya n'ikibanza cabwo kw'isi muri kazoza biri mu kibazo", nk'uko bivugwa n'umukuru w'igisata kijejwe igendereza ryo hanze, Sergei Naryshkin.
Mu ntango, umukuru w'igihugu c'Uburusiya yari afise intego yo kwigarurira Ukraine agatembagaza reta, mu ntumbero yo kurangiza burundu icipfuzo cayo co kwinjira mw'ishirahamwe ryo kurwaniriza umwansi hamwe rihuza ibihugu vyo mu Burengero, OTAN/NATO.
Yabwiye abanyagihugu b'Uburusiya ko intumbero yiwe ari "ugusambura igisirikare no gukuraho ubutegetsi bw'iki Nazi muri Ukraine", gukingira abanyagihugu ico yita imyaka umunani y'agatotezo n'ihonyabwoko bakorerwa na reta ya Ukraine.
Ashimangira ati: "Intumbero yacu si ukwigarurira ubutaka bwa Ukraine. Nta ntumbero dufise yo gushiraho ikintu ico ari co cose canke umuntu uwo ari we wese ku nguvu".
Ariko nta ba Nazi bariyo, nta n'ihonyabwoko ryariyo, kandi Uburusiya buriko bukoresha inguvu z'ubunyamaswa mu gutera ibisagara bitari bike, mu gihe abanya Ukraine bishize hamwe mu kwiyamiriza abashaka kwigarurira igihugu cabo.
Ibibombe bibandanya bicucagirwa - ariko amakuru ya nyuma ava mu twigoro tw'ibiganiro avuga ko Uburusiya butakirondera gusenyura ubutegetsi, ko ahubwo burondera Ukraine itagira aho yegamiye.


Kubera iki Putin ashaka Ukraine ataho yegamiye?
Kuva Ukraine ironse intahe y'ukwikukira mu 1991, igihe icahoze ari Ubumwe bw'aba Soviet gisambukiye, yagiye ishaka kwishira ku ruhande rw'Uburengero - mw'ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Bulaya hamwe no muri OTAN.
Perezida Putin ashaka guhindura ivyo, akabona ko isambuka rya Reta Zunze Ubumwe z'aba Soviet ari "isenyuka ry'Uburusiya".
Avuga ko Abarusiya n'abanya Ukraine ari bamwe. Mu kwaka Ukraine akahise kayo, yavuze ati: "Ukraine ntiyigeze iba igihugu nyaco kuva muri kahise".
Mu 2013 yasavye ashimitse Perezida Viktor Yanukovych yari yegamiye ku ruhande rw'Uburusiya kudatera igikumu ku masezerano n'ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Bulaya, ivyatumye haduka imyiyerekano yasenyuye ubu butegetsi bwa Ukraine muri Ruhuhuma (ukwa kabiri) 2014.
Uburusiya bwaciye bwihora mu 2014 mu kwigarurira intara ya Crimée/Crimea iri mu bumanuko bwa Ukraine buca bufata mu mugongo inyeshamba zo mu buseruko zishaka kwiyonkora kuri Ukraine zikaba zimaze imyaka umunani zirwana n'igisirikare ca Ukraine mu ntambara imaze guhitana abantu 14.000.
Harabaye agahengwe, haba n'amasezerano ya Minsk mu 2015 atigeze ashirwa mu ngiro. Hasigaye imisi mike ngo igitero gitangure, Perezida Putin yarasambuye aya masezerano y'amahoro mu kwemeza ukwikukira kw'intara zibiri za Ukraine zishigikiywe n'Uburusiya.
Igihe agomora ingabo, yagirije OTAN ko igeramiye "kazoza kacu nk'igihugu", avuga, ariko ata vyemezo, ko ibihugu vya OTAN vyashaka guteza intambara muri Crimée.
None hoba hariho inzira yo kuva muri iyi ntambara?
Umuhanuzi w'umukuru w'igihugu ca Ukraine Mykhailo Podolyak arizeye ko agahengwe gashobora gutangura mu misi iza kubera ingabo z'Uburusiya zazibiriwe ku birindiro zisanzwe ziriko.
Impande zompi ziremeza ko hari intambwe mu biganiro, Podolyak na we akavuga ko umukuru w'igihugu c'Uburusiya yoroheje ivyo asaba.
Igihe intambara itangura, Perezida Putin yashaka ko Ukraine yemeza ko Crimée ari akarere k'Uburusiya yongere kandi yemere ukwikukira kw'intara zo mu buseruko zishaka kwiyonkora.
Ukraine yotegerezwa guhindura ibwirizwashingoro ryayo kugira ngo yerekane ko itazohava yinjira mw'ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Bulaya no muri OTAN.
Ikibazo ca kazoza ka Crimée n'intara za Luhansk na Donetsk zishigikiwe n'Uburusiya nk'ibihugu vyigenga nticimirije gutorerwa umuti, ariko ntikizobuza ko haba umwumvikano mu gihe impande zompi zokwemera gutorera umuti iki kibazo mu nyuma.


Uburusiya busa n'ubwemeye ko butazotembagaza ubutegetsi bwa Ukraine kugira bubusubirize na reta bwogenzura, nk'uko bimeze muri Biélorussie/Belarus. Perezida Volodymyr Zelensky avuga ko igihe intambara yaduka yari yamaze kugabisha ko "umwansi yari yamfashe nka nomero ya mbere mu baronderwa; umuryano wanje ukaza ubwa kabiri".
Tatiana Stanovaya wo mu kigo RPolitik gikora umwihwezo hamwe no mu kigo Carnegie Moscou avuga ati: "Bisa n'uko [Putin] azotegerezwa kugabanya ivyo asaba".
Ni kubera Uburusiya bushaka guhindura Ukraine "igihugu kidafise aho cegamiye" bukoresheje inguvu za gisirikare, bukayihindura nka Autriche cyangwa Suède, ariko vyompi bikaba biri mw'ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Bulaya. Autriche ntaho yegamiye, ariko Suède si gutyo bimeze. Mu vy'ukuri ntifise umurongo yafashe ariko ikorana imyimenyerezo ya gisirikare na OTAN.
Ukraine yoyo isaba iki?
Ibisabwa na Ukraine biratomoye, nk'uko bivugwa n'umuhanuzi w'umukuru w'igihugu: guhagarika intambara ingabo z'Uburusiya zikavanwa mu gihugu, ariko kandi iripfuza ivyemezo ko izoshobora gutabarwa n'ihuriro ry'ibihugu bishize hamwe ryobuza ko haba ibitero kandi "rikagira uruhara riri ku ruhande rwa Ukraine".
Marc Weller, umwigisha w'amategeko mpuzamakungu akaba yahoze ari n'umuhinga mu vyo ibiganiro avuga ko uretse ko Ukraine isaba ko ingabo z'Uburusiya zivanwa mu gihugu zigasubizwa ku birindiro zariko imbere y'intambara, iki coba kandi umurongo utukura ku bihugu vyo mu Burengero, bititeguye kwemera iyindi ntambara yokwegwa n'Uburusiya.
Ukraine nayo nyene yariyoroheje kuva igitero c'Uburusiya gitanguye, aho Perezida Zelensky avuga ko abanya Ukraine ubu batahura ko OTAN idashobora kubakira mw'ishirahamwe. "Uko ni ukuri kandi dutegerezwa kukwemera".

Ahavuye isanamu, EPA
Podolyak yabwiye ikinyamakuru ca Amerika PBS ati: "Turiko turakorera ku nzandiko abakuru b'ibihugu bashobora kuganirako hanyuma bakaziterako igikumu. Biraboneka ko ibi bigiye kuba mu misi mike iri imbere kuko niyo nzira yonyene yo kurangiza iyi ntambara".
None Putin azoteba ashika ku masezerano na OTAN?
Ahubwo umukuru w'igihugu c'Uburusiya yongereje urwanko afitiye ibihugu vy'Uburengero n'ishirahamwe ryavyo ryo kwivunira umwansi hamwe rihurikiyemwo ibihugu 30. Ashobora kuba ariko arondera umwumvikano na Ukraine, ariko kuri we Uburengero bufise intumbero imwe rudende - gucamwo ibice Uburusiya impera n'imperuka buyisambure.
Imbere y'iyi ntambara, yasavye ko OTAN isubira ku masezerano yo mu 1997 kandi igahagarika ingendo yayo yo kwiyagurira akarere itera ija mu buseruko, yongere ikure ingabo zayo n'ibikoresho vya gisirikare mu bihugu vyinjiye muri iryo shiramahwe kuva mu 1997, yongere kandi ihagarike ibikorwa vyo kurungika "ibirwaniho hafi y'imbibe z'Uburusiya".
Aha ni ukuvuga mu Bulaya bwo hagati, Ubulaya bw'Ubuseruko no mu bihugu vyo ku kiyaga Baltique (pays baltes/Baltic states).


Mu maso ya Putin, ibihugu vy'Uburengero vyaremeye mu 1990 ko OTAN itazokwiyagurira "n'isantimetero imwe amaja mu buseruko", ariko vyarangiye ibikoze.
Ariko, ibi vyari imbere y'isenyuka rya Reta Zunze Ubumwe z'aba Soviet (URSS/USSR), ivyo yari yiyemeje ku butegetsi bw'umukuru w'igihugu w'umu Soviet Mikhail Gorbachev vyari vyerekeye gusa Ubudagi bw'Ubuseruko mu gihe igihugu c'Ubudagi cariko kirondera gusubirana kikaba igihugu kimwe. Mu nyuma Gorbachev yavuze ko "ivyo kwiyagurira akarere vya OTAN bitigeze biganirwako" ico gihe.
Rero bamaze kubona ingene Putin afise ishaka ryo gusambura ibisagara vya Bulaya kugira ashike ku ntego yiwe, abategetsi b'ibihugu vy'Uburengero ntibihenda.
Umukuru wa reta y'Ubudagi Olaf Scholz yemeza ko umukuru w'igihugu c'Uburusiya "ashaka kwigarurira Ubulaya mu mbono ziwe z'ukungene isi ikwiye kumera" mbere na Perezida Joe Biden yamwise inkozi y'ikibi. Scholz na mugenziwe w'Ubufaransa Emmanuel Macron bompi bavuga ko uyu mugabane uri mu bihe bikomeye kuva muri kahise kawo.
Imbere y'intambara, Uburusiya bwasavye ko ibirwanisho ruhonyanganda vy'ubumara vyose vya Amerika bitorengana imbibe z'ibihugu bisanzwe birimwo. Amerika yaremeye gutangura ibiganiro vyo kugabanya misire zirasa hafi no ku ntera yo hagati, hamwe kandi no ku masezerano mashasha yo kugabanya misire zambukiranya imigabane n'imigabane, ariko hari amahirwe make ko ibi bishoboka muri kino gihe.
Tatiana Stanovaya aratinya ko bishobora kwinjira mu yindi ntambara nshasha y'ukwikekana (guerre froide/Cold War): "Ndabona neza ko ari ngombwa ko twitegurira akaga gashasha kazoba gashingiye ku nguvu za gisirikare kandi kabi cane mu buryo tutari bwigere twiyumvira".
None hagiye gukurikira iki ku Burusiya?
Perezida Putin yarumiwe abonye ingene Uburengero bwamusubirije mu ndumane ku gitero ciwe. Yari azi ko ibihugu vya OTAN bitari guhirahira ngo bihonyoze ikirenge ku butaka bwa Ukraine, ariko kandi ntiyibaza ko yashobora gufatirwa ibihano ku rugero nk'uru bimaze no kugira ingaruka zikomeye ku butunzi bw'Uburusiya - ubu akaba arakaye.
Ubumwe bwa Bulaya, Amerika, Ubwongereza na Canada vyariziziye ubutunzi bw'Uburusiya mu buryo bwinshi butandukanye:
- Amatungo y'ibanki nkuru y'Uburusiya yarahagaritswe, amabanki makuru makuru nayo akurwa mu buhinga mpuzamakungu bwo guhanahana amafaranga, SWIFT.
- Amerika yarahagaritse kugura gaz mu Burusiya; mu gihe Ubumwe bwa Bulaya butegekanya kugabanya urugero rwa gaz bugurira mu Burusiya ku rugero rwa 2/3 mu mwaka umwe gusa; hanyuma Ubwongereza nabwo bukaba butegura guhagarika bukebuke kugura gaz y'Uburusiya imbere y'uko umwaka wa 2022 urangira
- Ubudagi bwarahagaritse kwemeza iyubakwa ry'umuringoti wa gaz Nord Stream 2 w'Uburusiya, umugambi ukomeye amakompanyi y'Ubulaya n'Uburusiya yashoyemwo imitahe
- Indege z'Uburusiya zarabujijwe mu kirere c'Ubumwe bwa Bulaya, Ubwongereza na Canada
- Perezida Putin, umushikiranganji w'imigenderanire Sergei Lavrov hamwe n'abandi batari bake, barafatiwe ibihano ku giti cabo
Nta masezerano na Ukraine ashobora gukuraho ibi bihano, kandi Vladimir Putin arabizi. Ahubwo yahindukiriye Abarusiya barwanya iyi ntambara.
Abantu bababa 1500 bari mu myiyerekano yo kwiyamiriza iyi ntambara baramaze gupfungwa kandi n'ibinyamakuru vyose vyigenga vyategetswe kutagira ico bivuze.
Nta batavuga rumwe n'ubutegetsi bakomeye bagisigaye kuko barahunze igihugu, abandi nabo, dufashe nk'akarorero Alexei Navalny, barapfunzwe.
Perezida Putin ati: "Abanyagihugu b'Uburusiya bazokwama bashobora gutandukanya abakunda igihugu nyabo, n'imicafu be n'ibihemu".










