Kenya: Mboze Munga Chiro yavyaye abana 19, abo yise amazina ubwiwe ni babiri gusa

Hari uwipfuza kurera abana barenga cumi? Umupfasoni umwe w'imyaka 49 wo mu karere ka Kirifi, mu buseruko bwa Kenya yibarutse abana 19.
Mboze Munga Chiro afise abana 10 b'abahungu n'abandi 9 b'abakobwa. Umwana wiwe wa mbere afise imyaka 32, mu gihe umuhererezi afise imyaka ibiri.
Uwo mupfasoni yibaruka buri mwaka, kandi abana biwe bafise amagara meza.
Mboze yavutse ari ikinege, ariko kubera ubuzima bubi yaciyemwo, vyatumye aja gushinga urwiwe hakiri kare.
Yizera ko mu gihe yokwubaka urwiwe, ko nkeka yoshobora kuza araronka ibintu vya nkenerwa nk'imfungurwa, impuzu n'urukundo, ibintu atari yarigeze aronka muhira iwabo.
Ku myaka 17 yaciye yubaka urwiwe, kandi ntamwanya munini waheze ataribaruka.
Yatanguye kwibaruka umwana w'umuhungu, hanyuma kuva ico gihe yagiye avyara buri mwaka gushika ashikane abana 19.
Ariko ntivyoroshe kubarera kuko umugabo wiwe akora akazi ahembwa ku musi ku musi mu bwubatsi, mu gihe na we arimira abandi bakamuhemba.
Kwibuka amazina y'abana
Muri Kenya, umugore umwe aharurirwa kuvyara abana batatu, ariko Mboze Chiro ico gipimo aragikuvye incuro zitandatu.
Avuga ko abana biwe ba mbere yabavyaye afashijwe n'abakirizi muhira. Ariko uko yagenda avyara abandi bana, ababanyi baciye batangura kumuvuga no kumutwenga kuko avyara buri mwaka.
Aho ni ho yatanguye kuza arivyaza ari kumwe n'umugabo wiwe, ata we barinze guhamagara.
Avuga ati: "Nabandanyije mvyara gushika kuri uyu wa nyuma atawumfashije ndi jenyene."

Mboze avuga ko abana yise amazina ubwiwe muri abo 19 ari babiri gusa, abandi ngo bagiye barahabwa amazina na se wabo canke abandi bantu baciye kumuraba yavyaye.
Hari n'abiswe amazina y'abantu bamenyekana cane kw'isi nka Bruno, Bruce Lee na Saddam.
N'aho uyu mupfasoni avuga ko azi abana biwe bose ku mutwe, ntibimworohera kwibuka neza uko bakurikirana. Hari n'aho adidinganya ku mazina yabo.
Agira ati: "Nk'uyu sinibuka neza uwo akurikira. Rimwe na rimwe binsaba kwiyumvira canke guharura umwe ku wundi, kugira menye neza ikibanza ciwe.
"Ariko abana banje ndabakunda bose co kimwe".
Igihe Mboze yavyara umwana wa 18, yaragiye kwa muganga kugira bamufunge ariko bamaze kumupima, basanga afise imbanyi y'umwana wa 19.
Inyuma y'uwo mwana yaciye abasaba kumufasha guhagarika kuvyara.
Bamaze kumupima, abaganga baciye bamubwira "urasigaranye amagi atanu".
Aho ni ho yaciye afata ingingo yo kwipfunga burundu, kandi avuga ko atipfuza umwana wiwe n'umwe avyara nkawe.
Ingorane y'imfungurwa
Umwana wiwe agira 13 yitwa Jessica Munga yiga mu mwaka w'indwi, avuga ko kuvukira mu muryango munini bitoroshe, kuko no kuronka ibifungurwa ntivyoroshe.
N'aho izo mfungurwa zoboneka nka rimwe ku musi, kenshi usanga izo ndya zidakwiye.
Abiherewe uburenganzira na nyina wiwe, Jessica agira ati: "Kenshi na kenshi turagwanira indya kuko ari zike, kuko bamwe mu batahaze baba basaka kurya indya z'abandi."
"Nk'uyu musi mu gitondo ntitwaronse ico dushira ku munwa tuja kwishure ata co turiye none raba ubu ni isaha indwi kandi nta na mazi yo kunywa dufise.
"Ndipfuza ko rimwe na rimwe twoza turaronka ivyo dufungura, kandi mpejeje kwiga ndipfuza cane kwiga amategeko kugira nzokwubakire abavyeyi banje inzu yo kubamwo."

Jessica ati: "Nsinshaka kuvyara abana benshi, nshaka nk'abana batanu gusa kubera ivyo ndiko ndacamwo, ntivyoroshe."
Na yo umwana wiwe w'umuhungu we Bruno Munga agira uwa 11 avuga ko anezerezwa no kuba yavukiye mu muryango munini, kandi ko n'aho bafise ibibazo, babanye mu mahoro.
Avuga ati: "Jewe sinezerezwa n'ingene tubayeho, ari na co gituma nkora uko nshoboye nkiga kugira nzofashe umuryango wanje."
Bruno avuga ko abavyeyi biwe bamwigishije kugira umutima mwiza, kudashwana n'abandi no gukundana.
Serugo asanzwe akora akazi ko kwubaka si ho yari ari kuko kenshi ataha mu mera z'iyinga.












