Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ethiopia: rwa rugomero Grand Renaissance Dam ruteje icuka kibi rwatanguye gutanga umuyagankuba
Rwa rugomero ruteye icuka kibi rwubakwa ku ruzi Nil/Nile muri Ethiopia kuri uyu wa 20 ruhuhuma niho rwatanguye gutanga umuyagankuba inyuma y'imyaka cumi rumaze rwubakwa.
Umushikiranganji wa mbere Abiy Ahmed ni we yuguriye icese ibikorwa vyo kwimbura umuyagankuba kuri uyu wa Mungu, intambwe ikomeye muri uwu mugambi uteje impari.
Uru rugomero rurarwanywa bikomeye n'ibihugu vya Misiri na Sudani bizeye uburaro n'uburamuko kuri uru ruzi Nil bikaba bifise ubwoba kobizohava bibura amazi.
Umunyamakuru wa BBC Kalkidan Yibltal ari mu burengero bwa Ethiopia ahasanzwe hariko hubakwa uru rugomero avuga ko iyi mishamirano iboneka ko izobandanya, na rirya ata mwumvikano ibi bihugu bitatu vyashitseko ku kungene vyosangira aya mazi y'uruzi Nil.
Mu birori vyariko vyerekanwa ikibiriraho, umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia Abiy Ahmed ari kumwe n'abategetsi bakuru b'igihugu yazungurutse uru rugomero agenda afyonda ku ma boutons atari make, ivyo abategetsi bavuga ko yuguruje icese iyimbura ry'umuyagankuba.
Umuvugizi w'ibiro vy'umushikiranganji wa mbere, , Billene Seyoum, yavuze ko "ari umusi udasanzwe kuri Ethiopia".
Umutegetsi yari arogoye ibi birori yavuze ati: "Uru rugomero rukomeye rwubatswe n'abanya Ethiopia ariko ntirwubakiwe abanya Ethiopia gusa, ahubwo na benewacu bose b'Abanyafrika bazohungukira".
Imboneshakure y'igihugu, ETV, yatangaje ko uru rugomero, Grand Ethiopian Renaissance Dam (Gerd), rumaze kwubakwa gushika kuri 83.9 %, rukaba rwiteze kuba urwa mbere ku mugabane wa Afrika ni rwarangira kwubakwa.
Kuva rutangura kwubakwa mu 2011, uru rugomero rwateje icuka kibi hagati ya Ethiopia, Misiri na Sudani, bimwe mu bihugu bisanzwe bikoresha amazi y'uruzi Nil.
Misiri na Sudani bifise ubwoba ko uru rugomero rushobora kugabanya amazi ibi bihugu bisanzwe bikoresha, ariko Ethiopia nayo ikavuga ko irukeneye kugira ngo ishobore guha umuyagankuba abanyagihugu bayo yongere irangure n'imigambi y'iterambere.
Misiri, igihugu gisanzwe kibeshejweho n'amazi ya Nil ku rugero rwa 97% ku bikorwa vyayo vyo kuvomera imirima no kunywa, ibona ko uru rugomero ari akaga ku kubaho kwayo.
Ku ruhande rwayo, Sudani ibona ko uru rugomero rushobora kuyifasha mu kugabanya imyuzurira ya buri mwaka, ariko ikagira ubwoba ko ingomero zayo nazo zizohagirira ingorane mu gihe hatoba amasezerano agenga uru rugomero GERD.
Ibi bihugu vyompi bibandanya bitera igitsure Ethiopia ko hobanza hakaba amasezerano imbere y'uko itangura kwuzuza uru rugomero, ariko ibiganiro bimaze imyaka itari mike hagati y'ibi bihugu bihagarariwe n'Ubumwe bwa Afrika ntaco birashikako.
Uru rugomero ruri kw'ishami ry'uruzi Nil rizwi nka Nil bleu/Blue Nile (bisigura mu Kirundi ngo Nil isa n'ubururu) mu ntara ya Benishangul-Gumuz iri mu burengero bw'igihugu.
Mu kwa cumi na rimwe guheze, Ethiopia yatangaje ko uno mwaka yiteze kwimbura umuyagankuba ungana na megawati 700 uvuye kuri uru rugomero, kuri uyu wa Mungu turbine imwe muri 14 zirugize ikaba yatanguye kwimbura megawati 375.
Ni rwarangira, vyitezwe ko ruzokwimbura umuyagankuba usumba megawati 5000, incuro zibiri zose ku wo Ethiopia isanzwe yimbura.