Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Egypt iriko irondera incuti mu rugamba rwayo ku rugomero ruriko rwubakwa na Ethiopia kuri Nile
Misiri iriko iragerageza gukomeza inguvu mu bijanye n'imigenderanire n'igisirikare ku mugabane wa Afrika bivuye ku mpari ziri ku rugomero rwa rutura ruriko rwubakwa na Ethiopia ku ruzi Nil, nk'uko vyandikwa na Magdi Abdelhadi yihweza ibintu n'ibindi kuri Misiri.
Ishirahamwe Egyptian Geographic Society yashinzwe mu 1875 (mu ntumbero yo kwiga uturere twa Afrika Misiri yavuga ko tutabamwo abantu), rifise inzandiko zikomeye zerekana inyota Misiri yamanye yo kwigarurira uturere two musi y'ubugaragwa bwa Sahara.
Muri izi nzandiko harimwo ikarata yerekana imipaka y'ubumanuko bwa Misiri ku kiyaga Victoria muri Afrika y'Ubuseruko.
Iri shirahamwe ryashinzwe mu gihe Misiri yari ifise indoto zamaze umwanya urume rumara zo kwigarurira uturere dutandukanye twa Afrika, indoto zanatumye mbere Sudani yigarurirwa n'ubutegetsi bwa Misiri, mbere igashaka no kwigarurira Ethiopia mu gitero yakoze kuva mu 1874 gushika 1876, ariko ikaba yagiye kurangira itsinzwe mu buryo buteye isoni.
Inyuma y'imyaka igera kuri 70, Misiri yahinduye imikenyuro muri izi ndoto zo kwigarurira akarere mu gufata iya mbere mu rugamba rwo kurwanya ubukoloni muri Afrika no hanze yaho.
Ariko inyuma yo kwinjizwa mu ntambara ya Israel n'Abarabu, imigambi yari ifise ku karere ka Afrika yo musi y'ubugaragwa bwa Sahara yagiye igabanuka.
Ariko kuva mu myaka mike iheze, yasubiye kwiyegereza cane ibihugu bimwe bimwe cane cane ibisangiye uruzi Nil.
Mu mezi aheze, Misiri yaragiriraniye amasezerano mu vya gisirikare n'ubutunzi n'ibihugu vya Uganda, Kenya, Uburundi, u Rwanda na Djibouti.
Cairo isanzwe ifitaniye na Sudani amasezerano yo gukorera hamwe, aho mbere iherutse gukorana nayo imyimenyerezo ya gisirikare harimwo n'indege z'intambara n'ingabo zidasanzwe.
Misiri iherutse gufatanya intsinga z'umuyagankuba zayo n'iza Sudani, mu gihe hari umugambi uriko urategurwa wo guhuza amabarabara y'indarayi, aho ifise integuro yo kwubaka ibarabara ry'indarayi rizofatanya igisagara cayo ca Alexandria n'igisagara ca Cape Town muri Afrika y'Epfo.
Ikintu nyamukuru ntandaro y'izi mpinduka zose mu bijanye n'imigenderanire ni urugomero ruteye induru Ethiopia iriko irubaka kw'ishami ry'uruzi Nil rizwi nka Blue Nile/Nil Bleu (Nili y'ubururu), urugomero rwiswe Barrage de la Renaissance/Grand Ethiopian Renaissance Dam (GERD).
Nael Shama, umuhinga mu bijanye n'imigenderanire ya Misiri, avuga ati: "Misiri yamye ikoresha inzira y'ibiganiro mu gutorera umuti ibibazo ifitaniye na Ethiopia bishingiye ku rugomero rwa GERD. Ariko rero, bisa n'uko izi nzira zananiwe, canke ziri hafi yo kunanirwa".
Ubwoba bw'igaduka
Tanzania ni akandi karorero, aho Misiri iriko ishira imitahe yayo mu kwubaka urugomero runini cane rw'umuyagankuba rwitiriwe Julius Nyerere ku ruzi Rufiji. Biragaragara ko Cairo ishaka kwisunga cane uwu mugambi mu kwerekana ko ifise ishaka ryo gufasha ibihugu bisangiye uruzi Nil mw'iterambere ryavyo.
Ubu ni bwo butumwa Misiri - igihugu ata yandi masoko y'amazi yo kunywa no kurima akomeye gifise uretse Nil - ibandanya igerageza kwereka amakungu.
Mu bisanzwe si ukuvuga ko irwanya cane rwose uru rugomero rwa Ethiopia, ariko ifise amakenga menshi cane ko rushobora kugira ingaruka mbi ku rugero rw'amazi ya Nil mu gihe Ethiopia yokwanka gutera igikumu ku masezerano ajanye n'ikoreshwa ry'aya mazi.
Hari ubwoba ko uru rugomero rushobora guhungabanya ibikorwa vy'uburimyi bwa Misiri, rukanatuma isi ndimwa yayo iterwa n'imicafu myinshi, maze bigatuma isi igaduka, ubushomeri bukizizira iki gihugu.
Ku ruhande rwayo, Ethiopia ibona ko uru rugomero GERD ari nkenerwa mu bikorwa vyayo vy'iterambere, kandi ko ruzoyifasha gutanga umuyagankuba ku banyagihugu bayo.
Imigenderanire mu vyo ubucuruzi, atari inguvu za gisirikare
Iyi nzira nshasha ya Misiri yo kwitaho gusumba gukomeza imigenderanire n'ibihugu vya Afrika yo musi y'ubugaragwa bwa Sahara yari yitezwe kuva kera cane, ariko bamwe mu banyamisiri babona ko idahagije kandi ko yacereye.
Walaa Bakry wo kw'ishure kaminuza ya Westminster mu Bwongereza akaba n'umuhanuzi mu bijanye n'ubucuruzi, agira ati: "Gukomera muri poritike yo mu bihe vya none ntibishingira ku minwa y'inkoho gusa".
Yandika ati: "Kugiriranira amasezerano n'ibihugu bisangiye uruzi Nil nk'Uburundi, u Rwanda canke Uganda mu bijanye n'umutekano ni ikintu ciza, ariko si ukuvuga ko ari co kizoha Misiri inguvu irondera".
Abona ko imigenderanire ikomeye mu bijanye n'ubudandaji ishobora gushika ku bintu bikomeye cane gusumba gukoresha inguvu za gisirikare, akabivuga ashimikiye ku rugero ruto cane rw'ubudandaji ruri hagati ya Misiri n'ibihugu icenda vyose bisangiye uruzi Nil.
"Si ukuvuga ko Misiri ikwiye kugurira ico ari co cose, n'ivyo idakeneye, muri ibi bihugu. Ariko nk'akarorero, ibihugu bisangiye Nil vyimbura ikawa nyinshi cane kandi nziza - Misiri igurira hanze ikawa ku giciro kirenga imiriyoni 95.5 z'amadorari y'abanyamerika ku mwaka, ibice 95% vyayo bikaba biva hanze ya Afrika".
Hagati aho, abanyamisiri bipfuza ko hakoreshwa inguvu bagenda biyongera. Ubutegetsi bwa Misiri, mbere n'umukuru w'igihugu we nyene ubwiwe, buriko buraterwa igitsure, busabwa kutagirira impuhwe igihugu ca Ethiopia.
Eka n'abashigikiye Perezida Abdel Fattah al-Sisi batanguye kuvugira mu bwongoshwa ibintu bitari vyitezwe - ko mu gihe yoyanirwa no gukingira uburenganzira bwa Misiri ku mazi, bisigura ko ata burenganzira yoba agifise bwo kurongora igihugu.
Misiri isa n'iyizeye ko kwubaka ubucuti n'ibihugu mu ntumbero yo kurwanya Ethiopia bishobora kuyifasha mu buryo ubu canke buriya mu gihe vyoboneka ko ari ngombwa guhangana na Ethiopia.
Ayandi makuru kuri uru rugomero:
- Urugomero kuri Nil: Uganda na Misiri bigiye gukorana mw’igendereza rya gisirikare
- Misiri, Ethiopia na Sudani bashitse ku masezerano yerekeye uruzi Nil
- Ivyo Trump avuga ku rugomero rwa Ethiopia vyashavuje iki gihugu
- Etiyopiya 'yatanguye kwuzuza' ububiko bw'urugomero kuri Nile
- Kubera iki uruzi Nile ruteje ibibazo hagati ya Misiri ya Ethiopia?
Misiri na Sudani vyarituye inama nkuru y'umutekano mw'ishirahamwe mpuzamakungu ONU/UN ku kibazo c'uru rugomero, kubera bibona ko rushobora gutuma amahoro n'umutekano mu karere bihungabana.
Iki kibazo carigeze gushikanwa imbere y'inama nkuru ya ONU ijejwe umutekano, nayo ica igisubiza mw'ishirahamwe ry'ubumwe bw'ibihugu vya Afrika, ariko rikaba ryarananiwe no kugitorera umuti.
Ibi bihugu vyompi vyagiriza Ethiopia ko ari yo ntandaro ya vyose, mu gihe Addis Abeba yagiriza Misiri ko iriko ikoresha ibiganiro nk'amayeri yo kurondera kwiganzira yonyene amazi y'uruzi Nil.
Imyimenyerezo ya gisirikare Misiri iherutse gukorana na Sudani iraboneka ko yari ifise intumbero yo kugabisha Ethiopia, ariko kandi n'amakungu - ko ibi bihugu bibiri bishobora no kuzokoresha inguvu za gisirikare bibaye ngombwa, kugira ngo bishobore kubaho.
Amasezerano yo gufashanya mu vya gisirikare hagati ya Misiri n'ibihugu vya Uganda, Kenya n'Uburundi asa n'ayaje gushimangira ubu butumwa, n'aho bigoye kwiyumvira ko ibi bihugu bishobora kwinjizwa mu ntambara y'akarere bitabonamwo inyungu shingiro.
Mu gihe inzira z'ibiganiro zonanirwa, nta gushidikanya ko abanyagihugu ba Misiri bazoshigikira ko hakoreshwa inguvu za gisirikare bibaye ngombwa.
Gusa muri Sudani ntibizogenda uko kubera ko, ku rugero kanaka, iki kibazo kitabonwa kumwe, kuko hari igice kimwe kibona ko Sudani ishobora kwungukira kuri uru rugomera, kubera ko rushobora kugabanya imyuzure yama iriko iriha inkumbi, kandi ikanaharonkera umuyagankuba ku giciro gito.
Ariko abihweza ibintu n'ibindi barahurira ku mbono imwe, bakabona ko n'aho Misiri na Sudani bishobora kuba bifise ugushaka kwa poritike, inguvu n'ubuhinga vya gisirikare, igitero ico ari co cose cokorwa mu kurwanya iyubakwa ry'uru rugomero mu ntumbero yo kurudindiza kitazoshobora gutorera umuti ikibazo.
Ahubwo, kizokwongereza icuka kibi mbere kizure n'akaboze, hasubire haduke ya majambo yo kwerekana akababaro, yo kurondera guha ishema igihugu no kurondera kwihorahorana.