Urugomero kuri Nil: Uganda na Egypt vyumvikanye gukorana mw'igendereza rya gisirikare

Uganda na Misiri bagiranye amasezerano yo guhanahana amakuru y'igendereza mu gihe icuka kibandanya kiba ndanse mu karere biturutse ku bikorwa vya Ethiopia vy'ukwubaka urugomero runini cane rw'umuyagankuba kw'ishami ry'uruzi Nil.

Itangazo ryasohowe n'igisikare ca Uganda rivuga ko aya masezerano yashitsweko mu biganiro vyabaye ku wa gatatu hagati y'abayobozi bakuru b'ibisata vya gisirikare bijejwe igendereza mu bihugu vyompi.

Iri tangazo risubiramwo uwurongoye intumwa za Misiri, Jenerali Majoro Sameh Saber El-Degwi, avuga ati: "Kuba Uganda na Misiri bisangiye Nil, ugufashanya hagati y'ibi bihugu vyompi ni ngombwa kubera icoshikira Uganda cogira ingaruka mbi kuri Misiri mu buryo ubu cane buriya".

Uru rugomero rurateye icuka kibi kimaze igihe kirekire hagati ya Misiri na Ethiopia, mbere mu mwaka uheze Donald Trump yahoze arongoye Reta Zunze Ubumwe za Amerika, yagabishije ko Misiri ishobora kurusenyura.

Ethiopia yoyo ibona ko uru rugomero ari nkenerwa mu mugambi wayo wo guteza imbere ubutunzi bwayo hamwe n'isoko nyaryo ry'umuyagankuba.

Ariko rero, Misiri na Sudani uruzi Nil rucamwo mbere rukaba uburaro n'uburamuko ku banyagihugu batari bake bavyo, bitinya ko uru rugomero rw'imiriyaridi zine z'amadorari y'abanyamerika ruzobibera intambamyi mu kuronka amazi.

Uganda ni isôko ry'igice ca Nil ciswe Nil Blanc/ White Nile (Nili Yera), mu gihe irindi shami ryarwo rinini ryiswe Nil Bleu/ Blue Nile (Nili y'Ubururu) rifise isoko muri Ethiopia.

Ibiganiro hagati y'ibihugu bitatu, Misiri, Ethiopia na Sudani, vyari birongowe n'umukuru w'igihugu ca Repubulika y'Intwaro Rusangi ya Congo, Felix Tshisekedi, vyagiye kurangira ku wa kabiri ataco bishitseko.