Africa Cup of Nations: Abafana bazotegerezwa kwicandagisha no kwerekana ibipimo vya Covid

Abariko barategura inkino z'igikombe ca Afrika muri Cameroun bavuga ko abafana bonyene bamaze kuronka incanco zose za Covid-19 n'ibipimo vyerekana ko badafise uwo mugera ari bo bazemererwa kuraba izo nkino.

Mw'itangazo ry'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Cameroun (Fecafoot) n'iryo umupira w'amaguru muri Afrika (Caf), basubiye kwemeza ko iryo higanwa rizoba hagati y'itariki 9 z'ukwezi kwa mbere n'itariki 6 z'ukwezi kwa kabiri.

Imigwi 24, imwe muri iyo ikaba ikinamwo abakinyi rurangiranwa bo mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza nka Mohamed Salah wo mu Misri, Sadio Mane wo muri Senegal na Riyad Mahrez wo muri Algeria izoba iri muri iryo higanwa.

Iryo tangazo rigira riti:"Reta yarateguye amategeko adasanzwe yo guhangana n'ikiza Covid mu gihe c'izo nkino.

"Abafana bashobora kuzinjira ku kibuga ahabera ihiganwa igihe gusa bazoba bacandazwe bakanerekana ibipimo vya Covid vyerekana ko badafise uwo mugera mu masaha 72.

"Abategetsi muvyo amagara y'abantu bazofata ingingo zose zikenewe zo gufasha mu gucanca abantu no gupima Covid ahantu hose igihe hazoba hariko haraba iryo higanwa."

Amagara y'abakinyi ateye umutima uhagaze mu gihe hari ubwoba buvuye kuri Virus

Gushika ubu abantu 2% b'abanye Cameroun baramaze gucandagwa, nk'uko biri mu biharuro bitangwa na Our World in Data.

Inkino z'igikombe ca Afrika, zagiye zirunguruzwa kubera Covid, zizokinirwa ku bibuga bitanu muri Cameroun, harimwo n'umugwa mukuru Yaounde.

Mu misi cumi n'itanu iheze, ishirahamwe ry'imigwi y'umupira w'amaguru ku mugabane wa Buraya, urwego rwigenga, rwarerekanye "amakenga"rufise ku magara y'abakinyi kubera ikibazo c'ubundi bwoko bwa coronavirus bwitwa Omicron hamwe "n'ingene ivyerekeye amagara y'abantu bimeze nabi cane".

Hari ibihuha vyakwiragijwe muri uku kwezi ko iryo higanwa rishobora kwungururizwa ku rindi sango canke mu kindi kibanza, ariko Caf yarabihakanye igihe yavugana na BBC Sport Africa mu ndwi iheze.

Ku musi wa gatatu, uwujejwe gutumatumanako amakuru Lux September yaranebaguye ububeshi bw'ibimenyeshamakuru mu kwishura kuri kimwe cavuga ko izo nkino zishobora guhagarikwa, hanyuma mw'itangazo ryo ku musi wa kane rinemeza ko iryo higanwa rizoba uko ryateguwe.

Iryo tangazo rigira riti:"N'aho hari ibindi bibazo vyiyongereye biturutse kuri iki kiza, iri higanwa ritegerezwa kuba.

"Ikiza Covid na Omicron vyatumye hafatwa ingingo ruhasha zogutuma uwo mugera udakwirakwizwa, kuko ugeramiye ibintu vyinshi.

"Uko biri kose, ubuzima butegerezwa kubandanya kandi dutegerezwa kubana n'uwo mugera."