Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Kenya: Umukuru w'urwego rucungera amabohero yakuwe mu mabanga kubera intagondwa zatorotse
Umukuru w'urwego rujejwe gucungera amabohero muri Kenya yakuwe muri ayo mabanga inyuma y'iminsi iheze hatorotse abanyororo batatu bari bapfunzwe kubera ivyaha bijanye n'iterabwoba kandi bari mw'ibohero riri mu yagoye cane kwinjira no gusohoka.
Mw'itangazo, umukuru w'igihugu ca Kenya Uhuru Kenyatta yavuze ko ingingo yo gusubiriza Wycliffe Ogalo ica ija mu ngiro ubwo nyene kugira " habazwe uko ibintu vyagenze mu nzego zose z'umutekano".
Prezida Kenyatta yategetse inzego z'umutekano gukoresha "uburyo bwose" buhari kugira abatorotse basubire gufatwa.
Abo batorotse barimwo na Mohamed Ali Abikar, yahamijwe uruhara mu gitero kuri Kaminuza ya Garissa mu 2015 ciciwemwo abantu 148.
Umugabo wa kabiri muri bo yari yafashwe mu 2012 bijanye n'igitero caburijwemwo ku nama nshingamateka ya Kenya, naho uwa gatatu yari yafashwe kubera kugerageza kuja mu mugwi w'intagondwa wa al-Shabab muri Somalia.
Abategetsi banasavye abanyagihugu gufasha, bashiraho impera ca miriyoni 20 z'amashiringi ya Kenya ($178.000, arenga miriyoni 350 mu mafaranga y'Uburundi) ku wotanga amakuru kuri abo bagabo batatu batorotse ibohero, bose bari bafungiwe ivyaha by'iterabwoba.
Abarinzi indwi b'ibohero bafashwe kubera iryo toroka ryabereye mw'ibohero ricunzwe cane riri hanze gato y'umurwa mukuru Nairobi.
Imbere y'aho, mw'itangazo, umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu Fred Matiang'i yari yavuze ko impamvu yatanzwe n'abakuru b'ibohero rya Kamiti yatumye habaho ico bivugwa ko ari itoroka ryo ku wa mbere idasobanutse.
Yagize ati: "Tugiye kurondeza bikomeye abo batatu. Ni abagizi ba nabi babi cane kandi dutegerezwa kubafata".
Yongeyeko ati: "Tuzokora dushimitse ku buryo ugusamara gutyo bitazosubira kuba".
Yanavuze ko hari abandi bazofatwa kandi ko hashobora gukurikira kubashikana imbere y'ubucamanza igihe urwego rw'iperereza rw'igiporisi ruzoba rwarangije akazi karwo.
Ali Abikar yari mu munyororo w'imyaka 41 mw'ibohero rya Kamiti, inyuma yo guhamwa mu 2019 n'icaha hamwe n'abandi batatu ku ruhara rwabo mu gitero co kuri Kaminuza ya Garissa mu buraruko bushira ubuseruko bwa Kenya.
Mu masaha yo mu gitondo yo kw'itariki ya kabiri y'ukwezi kwa kane mu 2015, abateye bitwaje ibigwanisho bikomeye biraye muri iyo kaminuza bica barashe abarinzi babiri, imbere yo kurasa ku banyeshuri, bamwe muri bo bari bariko barategura ibibazo.
Ababibonye bavuze ko abanyeshuri b'abakristu barobanuwe mu bandi n'izo ntagondwa zikabarasa.
Abo bagabo bane bari bitwaje inkoho biciwe kuri iyo kaminuza, nawe umugabo yateguye umugambi w'ico gitero, Mohamed Kuno, yiciwe mu gitero muri Somalia mu 2016.
Cabaye igitero ca kabiri ciciwemwo abantu benshi muri Kenya.
Igitero c'umugwi wa al-Qaeda kuri ambasade ya Amerika mu 1998 cishe abantu barenga 200.