Kenya: Abakurikirwa na benshi ku Twitter barahembwe ngo bahindukize ibivugwa kuri prezida

Abashakashatsi muri Kenya batoye ko abantu bafise ababakurikira benshi kuri Twitter (Influencers) bahawe amafaranga kugira bahindukize ibivugwa ku mukuru w'igihugu Uhuru Kenyatta inyuma y'aho bimenyekaniye ko umuryango wiwe ufise ama-kompanyi unyegeje mu bihugu vyo hanze.

Ivyo vyahishuwe mu vyiswe "Pandora Papers" vyashizwe ahabona n'abamenyeshamakuru bakora inkuru z'amatohoza berekanye ko umuryango wa Uhuru Kenyatta ushobora kuba umaze imyaka myinshi ufise bene izo kompanyi.

Nta cagiriji c'uko hari icaha kirimwo kandi umukuru w'igihugu yavuze ko ugukorera ku mugaragaro ku bijanye n'amafaranga ari ikintu gikenewe cane.

Yanemeye mbere ko hazotangwa inyishu ataco isiga inyuma ku vyahishuwe.

Ariko prezida Kenyatta yaraneguwe cane hanyuma amatohoza yakozwe na Odanga Madung na Brian Obilo akaba yasanze hari abantu bakoreshejwe kugira iyo nkuru ivugwe ukundi.

Ikigo Mozilla Foundation cashigikiye ayo matohoza gisubiramwo Madung avuga ati: " Igihe Pandora Papers [inyandiko] zasohoka ubwa mbere, abanya-Kenya bakoresha Twitter barashegeshwe cane kubona ko prezida wabo arimwo."

"Ariko ku munota ku munota, haradutse akandi gatima, gashigikira umukuru w'igihugu n'ama konte yiiwe afise hanze. Amwe mu ma tweets [ubutumwa bwandikwa kuri Twitter] ashigikira ako gatima ko guhindukiza ivyavugwa zarimwo ibinyoma vyeruye.

Ariko hari izindi tweets zari hagati na hagati: ku buhinga ubona ko ari zo ariko zitanditswe n'abo zitirirwa kandi zihujwe kugira zise nk'uko ari iz'ukuri".

Ico cegeranyo cubakiye ku bundi bushakashatsi bwari bumaze gukorwa ku buryo Twitter ikoreshwa mu gutuma abantu bavuga canke banona ibintu mu nzira runaka muri Kenya. Twitter ubu yahagaritse konte 230 kubera zirenga ku mategeko yayo agenga ubutumwa urungikirwa n'uwo mudasanzwe mubuhanahana.