Abanya-Australiakazi bitwaye ko bakuwe impuzu ngo basuzumwe ku kibuga c'indege muri Qatar

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umugwi w'abagore b'abanya-Australia bakuwe impuzu kugira basuzumwe ku kibuga c'indege ca Doha bashingishije urubanza muri Qatar.
Abo bagore bategetswe kwururuka indege baja gusuzumwa niba atawari ahejeje kuvyara muri bo inyuma y'aho hatorewe uruyoya mu gitebo batamwo umucafu ku kibuga ca Hamad muri Gitugutu/Ukwakira (ukwezi kw'icumi) mu 2020.
Bavuze ko ivyabashikiye kwabaye uguhohoterwa kwashigikiwe na reta, ibintu vyashegeshe abantu cane.
Qatar mu nyuma yarasavye imbabazi hanyuma umwe mu bakozi bo ku kibuga c'indege arahabwa igihano co gupfungwa ariko kitashizwe mu ngiro.
Ariko abo bagore bavuga ko ivyabashikiye kuva ico gihe vyaciye biba ihorera.
Bavanywe mu ndege ya Qatar Airways bagenda bashorewe n'abajejwe gucungera bafise ibigwanisho imbere y'uko burizwa imodoka itwara abarwaye (ambulance) hanyuma baja gusuzumwa n'abaforoma.
Abo bagore bavuga ko batigeze bemera gusuzumwa ku gushaka kandi ntibahawe insiguro y'ivyariko birabashikira.
Umwe muri abo abagore atashatse ko izina ryiwe rimenyekana, yabwiye BBC ko "yakorewe isuzumwa rya mbere ryo ku mubiri mu buryo bwavogereye umubiri wiwe".
Mw'itangazo rivuye ku mushingwamanza wiwe yavuze ati: "Jewe nari nzi ko ngiye kwicwa n'umwe muri abo bagabo benshi bari bafise inkoho, canke ko umugabo wanje yari mu ndege yari agira yicwe."
Iryo suzumwa ryamaze iminota itanu imbere y'uko basubizwa mu ndege.
Abagore benshi barabwiye igipolisi ivyashitse bamaze gushika muri Australia, bituma abantu benshi bavyitaho, ibihugu bitari bike navyo biravyiyamiriza.
Ico gihe, umushikiranganji wa mbere wa Qatar Khalid bin Khalifa bin Abdulaziz Al Than yaranditse kuri twitter asaba imbabazi ati: "Turababajwe n'ivyakorewe ingenzi z'abagore...Ivyashitse ntibihuye n'amategeko ya Qatar n'inyifato duha agaciro".
Ico gihugu co mu kigobe c'abarabu caratanguje urubanza rw'icaha rwavuyemwo igihano c'ugufungfwa ariko kitashizwe mu ngiro kuri umwe mu bakozi bo ku kibuga c'indege.
Ariko Damian Sturzaker, umushingwamanza wa ndwi muri abo bagore, yabwiye BBC ko "basanze baseka uruhome rw'agacerere " n'ubwo bagerageje kuvugana n'abategetsi ba Qatar.
Sturzaker avuga ko ubu bashaka ko igihugu ca Qatar gisaba imbabazi ku mugagararo hanyuma ikibuga naco gihindure ingene gikora kugira bene ivyo ntibizosubire gushika.
Abo bagore basaba indishi kandi bavuga ko bahohotewe, bagakorwa ku mubiri wabo batabishaka, bakavogerwa kandi bakajanwa ahantu hafunganye ku gahato na reta ya Qatar, urwego rwa Qatar rujejwe indege zisanzwe hamwe na kompanyi ya Qatar Aiaways.
Umwe muri abo bagore - avuga ko yama ariko ararazirana ivyamushikiye - avuga ko kubona reta ya Qatar ataco yakoze ari vyo vyatumye bashingisha urubanza.
Yavuze ati: "Mu guhaguruka tukavuga, dushaka ntihazogire umugore asubira gukorerwa ibintu bimukurako ubuntu nk'ivyo twakorewe".
Qatar yimirije kuronka ingenzi nyinshi igihe izoba iriko iraberamwo inkino z'igikombe c'isi mu mupira w'amaguru mu 2022.
Ubuserukizi bw'ico gihugu i Canberra (umurwa mukuru wa Australia) na Qatar Aiways ntaco barishura BBC ubwo yabarondeye ngo bagira ico babivuzeko.










