South Africa: Intango yo kurondera kurekurwa vy'agateganyo kwa Oscar Pistorius

outh African Paralympic athlete Oscar Pistorius sit on the chair at the North Gauteng High Court to attend summary judgement on his trial on July 6, 2016

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Urubanza rwa Oscar Pistorius rwarakurikiranywe cane mu bimenyeshamakuru

Umunonotse w'umunye Afrika y'Epfo Oscar Pistorius, ari mw'ibohero azira kwica umukunzi wiwe Reeva Steenkamp, ashobora guhura n'abavyeyi biwe vuba nk'imwe mu nzira yo kumurekura vy'agateganyo nk'uko bivugwa n'abategetsi.

Arashobora kurekurwa inyuma yo kumara igice c'umunyororo yahanishijwe.

Ariko ategerezwa ubwa mbere kugira icitwa "ubutungane bunywanisha" (Ugusubira kuvugana hagati ya Pistorius n'umuryango wa Reeva Steenkamp).

Pistorius yishe Steenkamp mu 2013 avuga ko yamwihenzeko yibaza ko ari igisuma muhira iwe ku mugwa mukuru Pretoria.

Uwo mugabo w'imyaka 34 yarashe incuro zine mu muryango wugaye w'akazu ka surwumwe.

Mu 2014, igihe hasozerwa urwo rubanza rwakurikiwe n'isi yose, yari yaciriwe igihano co gupfungwa imyaka itanu ahamwe n'icaha co kwica umuntu atabigambiriye. Ariko mu 2015, muri sentare y'iyungururizo, yahamijwe icaha co kwica, igihano gica gishika ku myaka 13 n'amezi atanu.

Mw'itangazo, igisata ca Afrika y'Epfo kijejwe amabohero cavuze ko kiriko kiravugana n'umuryango wa Steenkamp kuvyerekeye uwo mubonano.

Basigura kubikenewe gukorwa imbere yo kurekurwa vy'agateganyo, iryo tangazo rivuga ko abakoze icaha bategerezwa "kwemera no kwemanga ivyo bakoze".

Nk'intambwe y'ubutungane bunywanisha, hategerezwa kuba "akaryo kuri izo mpande zibiri ko gusubiza hamwe canke ko gusaba ikigongwe".

Umushingwamanza w'umuryango wa Steenkamp, Tania Koen, yabwiye radio y'igihugu SABC, ko "ashobora kuja muri ico kiganiro kizohuza uwakoze icaha n'uwagikorewe".

Yongeyeko ati:"June [Steenkamp, nyina wa Reeva], yagumye avuga ko yamaze kubabarira Oscar, ariko ko bidasigura ko adategerezwa guhanirwa ivyo yakoze... Barry [Steenkamp, se wa Reeva] aracafise imitima ibiri, ariko n'ibintu ategerezwa kuzogira ico abivuzeko ku mwanya ukwiriye."

"Igikomere, n'aho haheze igihe kinini, kiracasamwe".

Kuba ushobora kuronswa ikigongwe c'agateganyo ntibisigura ko ubifitiye uburenganzira, kandi ntibinasigura ko wamaze kukironka, nk'uko bivugwa n'uwo mushingwamanza. Abategetsi bategerezwa kandi kwihweza ibindi vyegeranyo vyanditswe n'abarongoye ibohero co kimwe n'izindi nzobere.

Ntiharanamenyekana ryari igikorwa co gushaka kumurekura vy'agateganyo kizotangura.

Biribazwa ko bitazoshika mu kwezi kwa gatatu mu 2023, ariko umuryango wa Steenkamp "warababajwe unagwa no mu gahundwe" kuba ashobora kuronka ikigongwe c'agateganyo, nk'uko bivugwa na Koen.

Umumenyeshamakuru wa BBC Pumza Fihlani ari i Johannesburg avuga ko, mu gihe yohabwa ico kigongwe, Pistorius ashobora kumara igipfungo gisigaye ari muhira iwe ariko akazoza aritaba abategetsi b'ibohero buri gihe.

Imbere y'ubwo bwicanyi, Pistorius yari yabaye umuntu rurangiranwa nk'umunonotsi agendana ubumuga yatwaye umudari w'inzahabu. Mu 2012, yabaye umuntu wa mbere yaciwe amaguru yahiganywe mu kwiruka mu nkino za olempike akoresheje amaguru y'amakorano.

Amaguru yiwe yaciriwe musi y'amavi afise amezi 11 kubera yari yavutse hatarimwo amagufa.

line

Iduga n'ikoroka rya Oscar Pistorius

  • Ukwezi kw'umunani 2012: Yahiganywe mu nkino za Olempike i Londres aho yatwaye umudari w'inzahabu
  • February 2013: Yishe umukunzi wiwe Reeva Steenkamp amurashe
  • March 2014: Urubanza rwaratanguye
  • September 2014: Abacamanza bamuhamije icaha co kwica atabigambiriye
  • October 2014: Yatanguye igihano co gupfungwa imyaka itanu
  • October 2015: Yajanywe mw'ibohero
  • December 2015: Sentare y'iyungururizo yamuhamije icaha co kwica
  • July 2016: Yaciriwe gufungwa imyaka itandatu azira ubwicanyi
  • November 2017: Yaciriwe urwo gupfungwa incuro zirenga zibiri imyaka yari yaciriwe gushika ku myaka 13 n'amezi atanu