
Oscar Pistorius yagirizwa kwica umukobwa bakundana
Umucamanza muri Africa y'Epfo yoroheje ingingo zari zafatiwe umunonotsi acitse amaguru yompi, Oscar Pistorius, yagirijwe kugandagura umukobwa bakundana i muhira iwe mu kwezi guheze.
Uwo mucamanza Bert Bam yavuze ko ubu Pistorius ashobora, ariko harivyo ategerezwa kwubahiriza, kuva muri Africa y'Epfo akitaba amahiganwa mpuzamakungu.
Uwo munonotsi yamerewe kandi gusubira imuhira iwe i Pretoria. Pistorius avuga ko yarashe umugenzi wiwe Reeva Steenkamp yihenze yibaza ko yari umusuma yamwinjiranye.
Umushikirizamanza we avuga ko yamurashe yavyiyumviriye.