Ethiopia: Reta yatangaje ibihe nk'ivyo mu ntambara mu gihugu cose

Reta ya Ethiopia yatangaje ibihe nk'ivyo mu ntambara mu gihugu cose mu gihe intambara yatandukiriye uturere twinshi tw'igihugu.

Reta yari yahamagariye abanyagihugu bose bo ku mugwa mukuru Adis Abeba gufata ibigwanisho, mu gihe abagwanyi bo mu ntara yo mu buraruko Tigray bariko barasugereza ubumanuko.

Urubuga rwo muri ico gihugu, Addis Standard, ruvuga ko umushikiranganji w'ubutungane ariko araha ikiganiro abamenyeshamakuru ku bijanye n'ivyo bihe nk'ivyo mu ntambara.

BBC ntibazwa ibivuye ku zindi mbuga

Kuri uyu wa mbere itariki 1 z'ukwezi kwa 11, umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia Abiy Ahmed yasavye abamushigikiye gukoresha ibigwanisho ivyo ari vyo vyose bashobora kuronka kugira bahagarike ugusugerezwa n'ingabo z'inyeshamba za Tigray.

Abiy yavuze ko ari inshingano z'umunyagihugu wese ''kuzibira, gusambura no guhamba" ingabo z'inyeshamba za Tigray People's Liberation Front (TPLF).

Ni wo mugambwe wahora utwara intara ya Tigray imbere y'uko haduka intambara hagati yawo na reta ya Ethiopia.

Ako kamo umushikiranganji wa mbere yagateye abicishije kuri Facebook inyuma y'aho inyeshamba zivugiye ko zigaruriye utundi turere mu ntara ya Amhara, gutyo zikaba ziriko ziregereza umurwa mukuru, Addis Ababa.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika (US) zivuga ko zitewe impungenge cane n'amakuru y'uko ingabo z'inyeshamba za Tigray zigaruriye ibisagara bibiri vya Dessie na Kombolcha.

Umunyamabanga wa reta (umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa US, Antony Blinken), yanditse kuri twitter ati: "uko intambara ikomeza ni ko hakomeza akaga ku bantu bo mu buraruko bwa Ethiopia", aca asaba impande zose guhagarika ibikorwa vyo kugwana.