Ethiopia -Tigray: 'Koresha ibigwanisho ivyo ari vyo vyose mufise' mu kugwanya TPLF-akamo ka Abiy Ahmed

Umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia Abiy Ahmed yasavye abamushigikiye gukoresha ibigwanisho ivyo ari vyo vyose bashobora kuronka kugira bahagarike ugusugerezwa n'ingabo z'inyeshamba za Tigray.

Abiy yavuze ko ari inshingano z'umunyagihugu wese ''kuzibira, gusambura no guhamba" ingabo z'inyeshamba za Tigray People's Liberation Front (TPLF).

Ni wo mugambwe wahora utwara intara ya Tigray imbere y'uko haduka intambara hagati yawo na reta ya Ethiopia.

Ako kamo umushikiranganji wa mbere yagateye abicishije kuri Facebook inyuma y'aho inyeshamba zivugiye ko zigaruriye utundi turere mu ntara ya Amhara, gutyo zikaba ziriko ziregereza umurwa mukuru, Addis Ababa.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika (US) zivuga ko zitewe impungenge cane n'amakuru y'uko ingabo z'inyeshamba za Tigray zigaruriye ibisagara bibiri vya Dessie na Kombolcha.

Umunyamabanga wa reta (umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa US, Antony Blinken), yanditse kuri twitter ati: "uko intambara ikomeza ni ko hakomeza akaga ku bantu bo mu buraruko bwa Ethiopia", aca asaba impande zose guhagarika ibikorwa vyo kugwana.

Reta ya Ethiopia irahakana ivyemezwa n'inyeshamba za TPLF ko zafashe igisagara ca Dessie n'akarere vyegeranye ka Kombolcha mu ntara ya Amhara.

Umwe mu bavugizi ba TPLF, Getachew Reda, yavuze ko bafashe Kombolcha kandi ko intego yabo yonyene ari ukugira bugururire iyo ntara bavuga yo yugawe na reta ya Addis Ababa.

Uburyo bwo gutumatumanako n'iyo ntara ahanini bwarahagaritswe kandi imfashanyo ikenewe cane ntishobora gushikayo.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rigereranya ko abantu 400.000 muri iyo ntara babayeho nko mu bihe vy'amapfa inyuma y'umwaka urangiye iyo ntambara itanguye.