Abasirikare batembagaje intwaro muri Guinea babujijwe kwitoza mu matora yimirije

Akarwi k'abasirikare baherutse gutembagaza ubutegetsi muri Guinée kabujije abari muri ko kwitoza mu matora yimirije azosubiza ubutegetsi mu minwe y'abasivire.

Iyi ingingo itangajwe inyuma y'aho ejo ku wa mbere aka karwi gatangarije integuro y'ubutegetsi mfatakibanza yemeje Colonel Mamady Doumbouya ko ari we mukuru w'igihugu inyuma y'iri tembagazwa ry'ubutegetsi ryabaye mu ntango z'uku kwezi.

Iyi nteguro itegekanya gushinga reta irongowe n'umushikiranganji wa mbere w'umusivire hamwe n'inama nkuru mfatakibanza izokora nk'inama nshingamateka mu kiringo kanaka.

Iyi nama izoba igizwe n'abantu 81 bazoba bavuye mu mice itandukanye y'igihugu harimwo abajejwe ubudandaji, abanyamigambwe, abanyamadini, amashirahamwe y'abadiplomate n'abahinga batandukanye. Nabo nyene ntibemerewe guhiganwa mu matora yimirije haba ku rwego rw'akarere canke rw'igihugu.

Ibice n'imiburiburi 30% vy'abagize iyi nama bategerezwa kuba abagore, ikazoba irongowe n'umukuru wayo hamwe n'ivyegera vyiwe bibiri.

Iyi nama niyo izoshinga ikiringo izorangura aya mabanga yayo imbere y'uko haba amatora kugira hashingwe reta ishingiye kuri demokarasi.

Mu ndwi nkeya ziheze, aka karwi k'abasirikare kari mu biganiro n'abantu bava mu mice yose y'igihugu kugira ngo bumvikane kuri kazoza k'igihugu - harimwo ikirangamisi c'ingene bazosubiza ubutegetsi mu minwe y'abasivire.

Umurwi w'abasirikare badasanzwe barongowe na Col Doumbouya warafashe ubutegetsi ku wa 05 z'uku kw'icenda, bagiriza reta ya Alpha Condé yahahora ubutegetsi bubi n'igiturire.