Ubumwe bwa Afrika - AU - bwahagaritse igihugu ca Guinea kubera kudeta

Ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Afrika, canke AU, ryahagaritse mu banyamuryago igihugu ca Guinea nyuma y'itembagazwa ry'ubutegetsi nk'uko bigaragara mu butumwa bwa twitter.

Prezida Alpha Condé yatembagajwe n'umugwi w'abasirikare bayobowe na Col Mamady Doumbouya ku munsi wa Mungu uheruka.

Iyo kudeta yariyamirijwe n'abarongozi b'akarere co kimwe n'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika, umunyamabanga mukuru wa ONU hamwe na Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

Ishirahamwe ry'akarere Ecowas ryahagaritse Guinea kuwa gatatu nayo abashikiranganji bajejwe imigenderare bo mu karere k'uburengero bwa Afrika bakaba barashitse i Conakry ngo baganire n'abatembagaje ubutegetsi.

Abariko abarongozi ba gisirikare bakirijwe impundu n'isinzi ry'abantu mu mabarabara ku murwa mukuru Conakry.

Benshi bavuga yuko bari baraseserejwe na Prezida Condé, yari mu kiringo kigira gatatu c'ubutegetsi, bakidogera kandi igiturire, ubutunzi bwifashe nabi hamwe n'intwaro mbi.