Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Uwatembaje ubutegetsi muri Guinea agiye gushinga reta mu ndwi ziza
Umukuru w'abatembagaje ubutegetsi bwa prezida Alpha Condé muri Guinée avuga ko reta nshasha "y'ubumwe" igiye gushingwa mu ndwi ziri imbere.
Col Mamady Doumbouya yabwiye abashikiranganji bahora muri reta ya prezida Condé yakoranije mu nama ku wa mbere ko hatazoba uruhigi rw'abahora ku butegetsi.
Prezida Condé gushika ubu aracari mu minwe y'abamukuye ku butetsi, kandi kazoza kiwe ntikaramenyekana.
ONU, Ishirahamwe rya Afrika, ishirahamwe ry'ibihugu vya Afrika y'Ubuseruko CEDEAO, na reta Zunze Ubumwe za Amerika bariyamirije ifatwa ry'ubutegetsi ku nguvu.
Col Doumbouya ntiyavuze ryari reta izoba yagiyeho.
Mw'ijambo yashikirije yavuze ko hazoba "ibiganiro vyo kwumvikana ku buryo intwaro mfatakibanza yomera, hanyuma hashingwe reta mfatakibanza kugira irongore iyo ntwaro mfatakibanza."
Yabwiye abahora ari abashikiranganji ko batemerewe kuva mu gihugu kandi ko bategerezwa gushikiriza igisikare imiduga y'akazi. Yanatangaje ko imbibe zo mu kirere no ku butaka zisubiye kwugururwa.
Uko vyagenze, uko amakungu avuga , Col Doumbouya ni nde, fyonda aho munsi
Inama iheze, Col Doumbouya yaciye afata imodoka azunguruka umugwa mukuru Conakry, wari mu bwoba kuva ku wa Mungu aho humvikaniye amasasu menshi kandi amasaha atari make hafi y'ikirimba c'umukuru w'igihugu.
Umunyamakuru wa BBC muri ico gisagara avuga ko abanyagihugu bahayagije izina ry'iyo ndongozi ya gisirikare.
Hassan Sillah avuga ati: "Bari banezerewe. Hari abakuye impuzu zabo basemerera ngo "Doumbouya, Doumbouya, Doumbouya" bongera bavuga ngo "ubwisanzure, ubwisanzure, ubwisanzure".
Avuga ko vyerekana ko hari abiruhukuje kubona ubutegetsi bwa prezida Condé buvuyeho.
Col Doumbouya yabwiye ama kompanyi asanzwe acukura ubutare n'amabuye y'agaciro mu gihugu kubandanya imirimo yayo, anamenyesha ko umukwabu uri mu gihugu yo utayafata.
Guinée ni kimwe mu bihugu vya mbere kw'isi bishora ubutare bwa bauxite bukenerwa cane mu guhingura aluminium.
Aho habereye iryo tembagazwa ry'ubutetegetsi, ibiciro vya aluminium vyaciye biduga ku rugero bitari bwigere bishikako mu myaka 10 kubera amakenga kw'iboneka ryayo.
Ukubabara bivanze n'umunezero
Prezida Condé yongeye gutorwa gutwara igihugu ikiringo ca gatatu cateye impari n'imyiyerekano irimwo intureka mu mwaka uheze.
Uyu munyaporitike yari abimazemwo imyaka myinshi yatowe ubwa mbere mu 2010, nibwo bwari ubwa mbere muri ico gihugu ubutegetsi buhererekanywa mu mahoro.
N'ubwo hari ivyateye imbere mu butunzi, kuva ico gihe yagiye aragirizwa guhonyanga uburenganzira bwa zina muntu no kuburagiza abatavuga rumwe na we.
Mamoudou Nagnalen Barry, umwe mu batanguje umugambwe utavuga rumwe n'ubutegetsi bwahahora FNDC (Front National pour la Defense de la Constitution) yabwiye BBC ko afise udutima tubiri kuri iryo tembagazwa ariko ahanini arishima.
Yavuze ati : "Novuga ko mbabaye ariko nezerejwe n'ivyashitse.
"Ubundi ntitwategerezwa kunezerwa n'itembagazwa ry'ubutegetsi, ariko mu bihe bimwe bimwe [nk'uko vyari bimeze] muri Guinée , twovuga ko tunezerewe koko n'ibiriko birashika kuko bitabaye, igihugu coca kiguma mu minwe y'umuntu umwe ashaka kuguma ku butetsi ubuzima bwose ."
Barry yavuze ko yizeye ko abasirikare bazosubiza ubutegetsi abasivire .
Itembagazwa ry'ubutegetsi muri Guinée rigize kane muri Afrika y'uburengero mu kugerageza guhungabanya intwaro za demokrasi muri ako karere kuva mu kwezi kw'umunani mu 2020.
Habaye itembagazwa ry'ubutegetsi kabiri muri Mali n'iryaburijwemwo muri Niger.