Mozambique: Ingabo z'u Rwanda zizoguma i Cabo Delgado mu gihe bizoba bikenewe - Kagame

Ahavuye isanamu, RWANDA PRESIDENCY
Perezida Paul Kagame w'Urwanda ari mu rugendo muri Mozambike, aho igihugu ciwe carungitse ingabo 1000 gufasha igisirikare cayo gutuza intagondwa ziyitirira idini rya Islam.
Umunyamakuru wa BBC Anne Soy avuga ko Perezida Kagame yemereye ico gihugu ko azogumiza ingabo z'Urwanda Cabo Delgado mu gihe bizoba bikenewe, ni mu gihe abateshejwe izabo n'intambara bariko barahabwa aho bakika umusaha.
Ingabo z'Urwanda zakoze igikorwa gikomeye muri ico gihugu, mu gufata icicaro nyamukuru c'abo barwanyi ku kivuko ca Mocímboa da Praia mu kwezi guheze.
Izi ngabo zivuga ko zabohoje ibice 90% vy'iyo ntara vyari mu minwe y'izi ntagondwa.
Mw'ijambo yashikirije igihe yagendera izo ngabo ejo ku wa gatanu, Perezida Kagame yavuze ati: "Turabashimira kubona mwarashoboye kubohora ino ntara yari yarigaruriwe n'izi ntagondwa, mwakoze akazi gakomeye cane".
"Ubu rero akazi karatanguye. Hari igikorwa twakoze kuva mu ntango, ni ukubohora iyi ntara. Igikorwa kigiye gukurikira ni ugucungera iyi ntara no kuyisanura".

Ahavuye isanamu, RWANDA PRESIDENCY
Ku ruhande rwiwe, umukuru w'igihugu ca Mozambike Filipe Nyusi na we nyene arashimira Urwanda kubona rwarigoye rukarungika abana barwo muri Cabo Delgado gufashanya n'igisirikare ciwe um kubohoza uturere twari twarigaruriwe n'izi ntagondwa.
Ati: "Aba ni intwari cane. Abanyagihugu barabakengurukira ku kungene mwababohoye, bagashima n'ubutwari bwanyu mu kugarura amahoro i Cabo Delgado".
Ibihugu vyo mw'ishirahamwe rijejwe iterambere mu karere ka Afrika y'Ubumanuko, SADC, navyo nyene vyararungitse ingabo muri Mozambike.
Uyu munyamakuru avuga ko hari ibisagara bitari bike bitagira abantu n'aho batanguye kuza barasubira mu zabo.
Mozambike isanzwe ihaye indaro Abanyarwanda batari bake batavuga rumwe n'ubutegetsi bw'Urwanda.
Mu ntango z'uku kwezi, hari umwe muri bo yahoze mu gisirikare ca kera c'URwanda yishwe arashwe, imbere y'aho akaba yari yamenyesheje igipolisi ko yariko arahigwa ngo yicwe.
Hari kandi n'uwundi munyarwanda w'umukeba w'ubutegetsi bw'Urwanda yahagaritswe muri Mozambike mu ntango z'uno mwaka, gushika ubu hakaba ata gakuru k'iyo yoba ari.















