Mozambique : Abagore n'abana 87 barokowe n'igisirikare muri Mozambique

Impunzi zicumbikiwe ku kibuga cya Pemba muri Mozambique, nyuma yo guhunga intambara ibera mu majyaruguru

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Impunzi zicumbikiwe ku kibuga cya Pemba muri Mozambique, nyuma yo guhunga intambara ibera mu majyaruguru

Abasirikare bo mu bihugu bitandukanye babohoje abapfasoni n'abana 87 mu gihugu ca Mozambike bari ku kirindiro c'abagwanyi bitwaza idini rya Islam i Macomia mu ntara ya Cabo Delgado yugarijwe n'intambara.

Abo basirikare bagizwe n'aba Mozambike, Urwanda hamwe n'abandi baje bava mu karere bateye ico kirindiro isaha 13:00 zo muri ico gihugu ku musi wa gatatu inyuma yo gukizura mu mashamba ya Quinterajo.

Babohoje abapfasoni 60 n'abana 27 (abahungu 18 n'abakobwa icenda) bica n'abagwanyi batanu bari bacunze ico kirindiro, nk'uko inkuru ziva mu gisirikare zibivuga.

Ababohowe bose baciye bajanwa ku gituro c'igipolisi ca Macomia.

Igikorwa co kurondera abandi bantu banyurujwe kirabandanya mu gihe havugwa ko hari ikindi kirindiro kinini coba kiri mu karere ka Namaluku.