Afghanistan: Aba Taliban bavuga ko bigaruriye ikiyaya ca Panjshir
Aba Taliban batangaza ko batsinze umurwi ubarwanya mu ntara ya Panjshir iri mu buraruko bushira ubuseruko bw'umugwa mukuru Kabul, agace ka nyuma kari gasigaye kataraja mu minwe yabo.
Uyu muhari wacishije ku mbuga hwaniro ireresi y'abarwanyi bawo bariko baduza ibendera ejo ku wa mbere.
Ariko, abarwanyi b'uyu murwi utemera ubutegetsi bw'aba Taliban bavuga ko bakiri "mu birindiro vyose bikomakomeye" kandi ko "intambara zibandanya".
Umukuru wabo atera akamo "abanyagihugu bose" kwiyamiriza aba Taliban.
Mw'ijwi ryacishijwe ku mbuga hwaniro, Ahmad Massoud, umukuru w'uyu muhari National Resistance Front of Afghanistan (NRF), yagiriza amakungu ko ashigikiye aba Taliban, kandi ko ibi bituma bagira inguvu za gisirikare n'iza poritike.
Avuga ati: "Aho muri hose, hanze canke mu gihugu, ndabasavye ko igihugu cose gitangura imyiyerekano yo kurwanira iteka, ubwigenge n'iterambere ry'igihugu cacu".
Haciye indwi zitatu aba Taliban bigaruriye utundi turere twose twa Afghanistan, ku wa 15 z'ukwa munani hakaba ari ho bigaruriye umugwa mukuru Kabul batembagaje reta yari ishigikiwe n'ibihugu vyo mu burengero bw'isi.
Ibi bibaye inyuma y'imyaka 20 ingabo mpuzamakungu zirongowe na Amerika ziteye ico gihugu zikirukana aba Taliban bari ku butegetsi ico gihe.
Panjshir, ikiyaya kirimwo n'imisozi, gisanzwe kibamwo abanyagihugu bari hagati ya 150.000 na 200.000. Cari ikirindiro gikuru igihe Afghanistan yari yigaruriwe n'aba Soviet (icahoze ari URSS/USSR) mu myaka ya 1980 hamwe kandi n'igihe aba Taliban bari ku butegetsi mu kiringo ca mbere, hagati ya 1996 na 2001.
"Nta baTaliban bafashe Panjshir," ibi Ali Maisam, umuvugizi wa NRF, akaba yabibwiye BBC, aho avuga ko "yiyamiriza ibivugwa n'aba Taliban ".
Ubutumwa uyu murwi wacishije ku rubuga rwa Twitter buvuga kandi buti: "Intambara yo kurwanya aba Taliban n'incuti zabo izobandanya gushika ubutungane n'ubwigenge vyiganje".
Ariko umuvugizi w'aba Taliban Zabihullah Mujahid yasohoye itangazo aho avuga ko "iyi ntsinzi itumye igihugu cacu kiva mu ntambara burundu".

Ahavuye isanamu, Reuters
Kuva bigaruriye ubutegetsi, aba Taliban baguma barondera kwiyerekana ko ari abantu bihanganira abandi, ariko hari amakuru y'ibikorwa vy'ubugome n'itoteza akivugwa mu turere twa Afghanistan.
N'aho uyu muhari umenyesha ko uzokwubahiriza uburenganzira bw'abagore, benshi batinya ko bashobora gusubira kubaho uko bari babayeho mu gihe aba Taliban bari ku butegetsi ubwa mbere. Abagore bategekwa kwitwikira mu maso hose iyo bari hanze, kandi bagahabwa ibihano bikomeye no ku dukosa duto duto.
Ababibonye babwiye BBC ko abarwanyi b'aba Taliban barashe bakica umupolisikazi yari yibungenze Banu Negar ku wa gatandatu.
Aba Taliban babwiye BBC ko ata ruhara bafise mu rupfu rwa Negar kandi ko bariko barakora amatohoza ku vyabaye.
Hari kandi n'imyiyerekano itari mike y'abasaba ko uburenganzira bw'abagore bwubahirizwa muri Afghanistan.
Ejo ku wa mbere, abagore bari mu myiyerekano mu gisagara ca Mazar-e-Sharif kiri mu buraruko babwiye BBC ko aba Taliban babateye ubwoba.
Umwe muri bo avuga ati: "Baraturahiye baradutuka, badutegeka gushwiragira atari uko na ho badukubite gushika dupfe". Avuga kandi ko aba Taliban bagabisha uwo ari we wese yohirahira akagerageza kubafata amashusho.

Ahavuye isanamu, Shamshad News via Reuters
Amashirahamwe aharanira agateka ka muntu avuga kandi ko yaronse amakuru y'ibikorwa vyo kwihora, gupfunga no gutoteza abanywanyi b'amadini y'inkehwa.
Aba Taliban baratangaje ku mugaragaro ko batazorondera kwihora abo bose bakoreye reta yahahora.
Gushika ubu, aba Taliban ntibarashobora gushinga reta nshasha.
Ejo ku wa mbere mu gitondo, umuvugizi wabo Zabihullah Mujahid yabwiye abanyamakuru ko ingingo zose nkuru nkuru zamaze gufatwa, ko ubu ibikorwa biriko birakorwa ari ibijanye n'ubuhinga.
Yavuze kandi ko hazobanza gushingwa reta mfatakibanza, izohinduka mu nyuma.
Ku mugoroba w'ejo ku wa mbere, Perezida Joe Biden wa Amerika yabajijwe n'umunyamakuru muri Maison Blanche/White House nimba azokwemera reta y'aba Taliban. Yishuye ati: "Biracari kure".











