Covid-19: Afrika y’Epfo yatoye ubwoko bushasha bwa coronavirus

Afrika y'Epfo iri mu bihugu vyasinzikajwe na coronavirus muri Afrika

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Afrika y'Epfo iri mu bihugu vyasinzikajwe na coronavirus muri Afrika

Abashakashatsi batoye ubwoko bushasha (variant) bw'umugera wa coronavirus muri Afrika y'Epfo.

Ubwo bwoko bushasha C.1.2, bwatowe ubwa mbere mu kwezi kwa gatanu, ubu bumaze kuboneka mu ntara zitari munsi ya 6 kuri 9 zigize igihugu.

Abahinga bavuga ko bwandukira co kimwe n'ubusanzwe bwiganje mu gihugu muri iki gihe aribwo Delta.

Mu kiganiro n'abamenyeshamakuru, ikigo c'igihugu gikurikirana indwara zandukira (NICD) cavuze ko ubwo bwoko bushasha "bushobora, ku bice bikeya, kunanira ubudahangarwa [ariko] incanco ziguma zitanga urugero runini rwo gukinga kurwara gushika aho uja mu bitaro canke upfa".

Cavuze kandi ko n'ubwo gushika ubu atari ubwoko buteye impungenge cane - nka Delta ishobora gutera kurwara ukaremba - burandukira cane.

Ikigo NICD cavuze ko ubwo bwoko bishoboka ko bwoba ubwoko buteye amakenga arico gituma abahinga bazoguma bakurikirana ingene bugenda burahindagurika - mu gihe hari amakenga ko hashobora kuba umupfunda mushasha w'indwara ya Covid mu mezi ari imbere bitewe n'ukwihindagura kw'ubwo bwoko.

N'ubwo benshi mu bamaze kwandura C.1.2 bavugwa muri Afrika y'Epfo, ubwo bwoko buravugwa mu bindi bihugu bitatu vyo muri Afrika, co kimwe no mu Buswise, Portugal n'Ubushinwa - hakurikirijwe icegeranyo kirindiriye kwigirwa hamwe.

Abahinga bariko barihweza ingene ubu bwoko burwana n'abasoda umubiri uhabwa kugira uhangane na coronavirus.

Bariko kandi biga ukungene bugenda buhindagurika n'ingene bwandukira.

Maria van Kerkhove, ajejwe igisata c'ubuhinga mu vyerekeye Covid-19 mw'ishirahamwe ryitaho amagara y'abantu kw'isi OMS/WHO avuga ko ubu bwoko "budasa n'uburiko burakwiragira ku muvuduko munini".

Avuga ko gushika ubu, ubwoko bwa Delta ari bwo burwiriye kandi ko OMS/WHO izoburira abantu mu gihe ibi bihindutse.

Gushika ubu Afrika y'Epfo nico gihugu ca mbere kirangwamwo abantu benshi bandura umugera wa corona muri Afrika. Abamaze kwandura bashika miriyoni 2 n'ibihumbi 700, abamaze kwicwa na Covid nabo barenga ibihumbi 80.