Covid-19: umugambi w’incanco Covax ‘wateguwe hisunzwe ivyiyumviro vya gikoloni’

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umugambi washinzwe mu ntumbero yo gukwiragiza incanco za coronavirus mu bihugu bikenye wateguwe ufatiye "cane ku vyiyumviro vy'igikoloni", nk'uko umutegetsi wo mw'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika (UA/AU) yabibwiye ikiganiro ca BBC focus on Africa.
Dr Ayoade Alakija icegera c'umuyobozi w'ihuriro rya Afrika rijejwe gutanga incanco (Africa Union Africa Vaccine Delivery Alliance for COVID-19, Auvda), yabivuze buca haba inama ihuza ibihugu bitunze kurusha ibindi kw'isi (G7), aho bitegekanijwe ko abategetsi b'ibi bihugu bazotangaza umugambi wo guha incanco ibihugu bitarashobora gukingira abantu bavyo mu buryo bw'imfashanyo.
Ati: "Ingorane ya mbere ya Covax ni uko itagishije inama, yashinzwe hisunzwe ivyiyumviro vya gikoloni".
"Ntibigeze baza kutubaza twebwe abanya Afrika, ntibigeze baza kubaza abaturongoye, ntibigeze baza kubaza abanyagihugu bacu. 'None ushaka bigende gute?' "
Dr Alakija avuga ko iyo bakaza kutubaza, Auvda yari kubabwira ko yipfuza gucandaga hagati ya 60% na 80% vy'abanyagihuguba Afrika.
Avuga ko Covax yoyo isa n'iyibaza ko gucandaga ibice 20% vy'abanyagihugu bose ba Afrika bizoba bihagije.
Uwu mugambi wonyene ntushobora gukemura ibibazo vy'incanco kw'isi.
Ati: "Ndibaza ko ari yo yabaye intandaro yo kudashobora kwigurira incanco zacu bwite, kwironderera incanco zacu twebwe nyene, ni uko twabwiwe ko Covax ihagije".
"Uriyicarira ng'aho ukareka ngo Covax izoguha ivyo ukeneye vyose".
Muri kino gihe, hari impungenge zigenda ziyongera ko ikena ry'incanco mu bihugu vyinshi vya Afrika ririko riradindiza isekeza ryo gutanga incanco zigira kabiri za Covid.
Ishirahamwe mpuzamakungu ONU hamwe n'ikigo ca Afrika kijejwe kurwanya indwara (CDC) basaba ibihugu bifise incanco z'ikirenga ko vyozitanga mu turere twa Afrika tuzikeneye.










