Incanco za Covid: Unicef isaba ibihugu vya G7 gutanga incanco kugira ntizizopfe ubusa

Billie Eilish, David Beckham na Priyanka Chopra Jonas

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Billie Eilish, David Beckham na Priyanka Chopra Jonas bashize umukono kuri iryo kete
    • Umwanditsi, Yanditswe na Sima Kotecha hamwe na Francesca Gillett
    • Igikorwa, BBC News

Unicef igabisha ko miriyoni z'incanco za Covid zishobora gutabwa hamwe ibihugu bitunze vyorungikira ibihugu bikenye ica rimwe izo bizoba bisigaje.

Ubwongereza n'abandi baremeye gutanga incanco zirenze ku zo bakeneye - ariko basabwa gutanga nyinshi hakiri kare.

Ivyamamare birimwo Billie Eilish na David Beckham bashigikiye ako kamo ka Unicef.

Abo rurangiranwa bashize umukono kw'ikete bandikiye umugwi w'ibihugu indwi vya mbere bitunze cane kw'isi G7 - birimwo Ubwogereza - babisaba gutanga 20% y'incanco zavyo gushika mu kwezi kw'umunani.

Beckham yavuze ati: "Ikiza ntikizorangira na hamwe gushika kirangiye hose."

Abandi muri abo rurangiranwa bashize umukono kuri iryo kete barimwo Andy Murray, Olivia Colman, Ewan McGregor, Liam Payne, Priyanka Chopra Jonas, Orlando Bloom, Katy Perry, Gemma Chan, Whoopi Goldberg, Claudia Schiffer na Chris Hoy.

Uwurongoye umugambi w'incanco muri Unicef Lily Caprani yabwiye ikiganiro BBC Newsnight ko ibihugu bikeneye guha urucanco abanyagihugu bavyo igihe kimwe co kimwe n'ibindi bihugu.

Yavuze ati: "Hazogera igihe, aho nta nkeka, aho tuzokenera guha incanco abafise munsi y'imyaka 18,

"Ariko ikiza imbere muri iki gihe n'uko abantu bafise ivyago vyinshi vyo kwandura bobanza bakaronka incanco.

"Nico gituma tuvuga ko ibihugu nk'Ubwongereza na G7 bikeneye gutanga incanco zavyo ku bihugu bikenye ubu, mu gihe bibandanya gutanga incanco ku banyagihugu bavyo."

Ariko ku ndwi iheze, umushikiranganji ajejwe amagara y'abantu Matt Hancock yavuze ko gucandaga abana mu Bwongereza bizoshirwa imbere yo kurungika incanco hanze.

Bitandukanye n'ibindi bihugu, Ubwongereza ntiburavuga incanco butegekanya guha umugambi wa Covax ingene zingana, gusa bwemeza ko buzotanga izizoba zirenzeko. Ku wa gatanu Hancock yavuze ko Ubwongereza ubu ata ncanco zirengako bufise.

Abantu batondeye urucanco i Delhi, mu Buhindi , 6/6

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abantu batondeye urucanco i Delhi, mu Buhindi , bwashegeshwe n'iyo ndwara

Mu ntango z'iyi ndwi abantu 100 bahoze ari abashikiranganji ba mbere , abakuru b'ibihugu n'abashikiranganji b'imigenderanire basavye abakuru b'ibihugu vya G7 gutanga 2/3 vya miriyaridi hafi 66 z'ama dollars zo gutanga incanco za Covid mu bihugu vy'amikoro make.

Uwahoze ari umushikiranganji wa mbere Tony Blair yavuze ati: ''uko ibintu biri" n'uko ama reta "ategereza kubanza kwitaho abanyagihugu bayo" gutyo akazokwama abanza gutanga incanco mu bihugu vyayo ubwa mbere.

Ariko yongeyeko ati: "Ntushobora kuba ntabanduka kuri ico, hari incanco zishobora kuba zirarungikwa".

Uwundi yahoze ari umushikuranganji wa mbere w'Ubwongereza, Gordon Brown, yavuze ko G7 n'ibindi bihugu bitunze "bitegerezwa gutanga intererano yavyo" kugira bifashe ibice vya Afrika na Asia.

Madame Caprani wa Unicef yasavye ibihugu vya G7 gutangura gutanga incanco ubu kandi bibandanye mu ci gushika umwaka uhere.

Yavuze ati: "Ibihugu vy'uburyo buke bikeneye incanco ziguma ziza zishika ubwo nyene zigaca zishikira mu minwe y'abakozi bo mu buvuzi".

"Ingaruka atawifuza yo kuvuga ko izo ncanco zose zizozira icarimwe igihe ca Noheli n'uko ibihugu bitazoshobora kuzakira no guca bizikoresha zose ubwo nyene gutyo zihave zicika impfagusa. Dushobora gusanga miriyomi z'incanco zidakoreshejwe hanyuma zigata igihe, kandi ako koba ari akaga."

Muri iryo lkete, abo rurangiranwa bavuze ko Unicef isanzwe yaratanguye gutanga incanco mu gihugu bikenye - ariko ko iryo shami rya ONU n'ub u rikibuze incanco zingana na miriyoni 190.

Iryo kete ryavuze ko ibihugu vya G7 - Ubwongereza, Canada, Ubufaransa, Ubudagi, Ubutaliano, Ubuyapani na Reta Zunze Ubumwe za Amerika - vuba bigiye kuzoronka izikwiye kugira bitange 20% y'incanco zavyo hagati y'ukwezi kwa gatandatu n'ukwa munani ata ngaruka nini bigize ku mugambi wavyo mu bihugu hagati, ivyo bibaye umugambi Covax wo gusaranganya incanco woca uronka izishika miriyoni 150.

Iryo kete ryandikiwe ibihugu vya G7 rivuga riti: "Umugera uracariko urakwiragira mu bihugu vyinshi, kandi wihinduranya mu bwoko bushasha ku buryo ushobora gutuma twese dusubira aho ku ntango.

Bamwe muri abo rurangiranwa nk'umukinyi wa tennis Murray basaba kandi abantu mu Bwongereza gutanga intererano ku mugambi wa Unicef wo guterereza imfashanyo yo kurwanya Covd, VaccinAid Appeal.

Mu nama ya G7 mu mpera z'iyi ndwi, umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Boris Johnson yitezwe gusaba ko hashingwa ihangiro ryo kuba isi yose yaronse incanco gushika mu mpera za 2022.

Abaharanira ko incanco zisaragwanywa kw'isi n'abaraba ibintu n'ibindi hamwe n'umugwi w'abashingamateka - bavuga ko hakenewe icokorwa ubu kandi ko Ubwongereza bukwiye kugaba urucanco rumwe kuri rumwe rwose ruba rwinjiye muri ico gihugu.

Ubwongereza buramaze guha Covax intererano y'amafaranga arenga miriyoni 775 z'ama dorari, incanco zingana n'igice c'umuriyoni za AstraZeneza nazo zikaba zaratumweko n'ibindi bihugu kugira bizirungike hanze.

Abarongoye ibihugu vy'umugwi wa G7 bazohurira mu nama i Cornwall mu Bwongereza mu mpera z'iyi ndwi.

Amerika, Ubufaransa, Ubudagi, Ubutaliano n'Ubuyapani vyose vyaramaze kumenyesha igitigiri c'incanco bizoha Covax. Co kimwe n'Ubwongereza, Canada nta gitgiri iramenyesha muri uwo mugambi wo gutanga.