Burundi – Covid: 'Twahisemwo kuba turatenyenya' ku ncanco

Thadée Ndikumana

Ahavuye isanamu, BURUNDI GOV

Umushikiranganji w'amagara y'abantu mu Burundi avuga ko ico gihugu cahisemwo kubangira ku bijanyanye n'incanco za Covid-19 zatanguye gutangwa mu bihugu bitari bike birimwo n'ivyo mu karere.

Mu kiganiro n'abamenyeshamakuru harangiye inama y'umugwi ujejwe kurwanya ikiza ca Covid-19 mu Burundi, Ministre Thadée Ndikumana yamenyesheje kandi ko abandura n'abarwara iyo ndwara ubu bagabanutse ugereranije no mu ntango z'uyu mwaka.

Asaba abantu kwipimisha iyo biketseko ibimenyetso vya corona, aha akanegura abantu bize ngo bateba kuja kwipimisha.

Mu gihe umwaka uri hafi guhera hatowe umuntu wa mbere yanduye umugera wa corona, umushikiranganji w'amagara y'abantu mu Burundi avuga ko abamaze kwandura bose ari 2618, abamaze gupfa ni 6, abari ku miti ubu ni 192.

Ku bahitanwa n'iyo ndwara, umushikiranganji avuga ko hatangazwa ibiharuro vy'ababa bipimishije bagatorwa corona, bakavurwa mu nyuma bigashika bagapfa.

Ni mu gihe bivugwa ko abamaze kwicwa na corona mu Burundi bashobora kuba barenga kure abo batandatu bazwi ku mugaragro.

Insiguro ya video, Abakuru b'amadini bamwe bakwirakwiza impuha ku ncanco za Covid-19

Ministre Thadée Ndikumana avuga ko ku bayirwaye, abashika 96 kw'ijana bayikira.

Yamenyesheje kandi aho reta y'Uburundi ihagaze ku kibazo c'inkingo zatanguye gutangwa mu bihugu vyinshi vyo kw'si harimwo n'ibihugu bibanyi nk'u Rwanda, Uganda na Kenya.

Yagize ati: "Ku bisanzwe abakoze zirya ncanco barafise umwanya, ico bita recul, wo kuraba ko ata ngaruka mbi canke nziza urucanco rugirira uwo baruteye.

"Nabo nta recul bariha... rero igihugu cose kiraraba kiti twoba turazikoresheje mu kurindirako ubushakashatsi bubandanya... Turavye rero ngaha mu Burundi ibitigiri vy'abashobora gukira, twavuze tuti tube turatenyenya, ntitwanse incanco".

Ministre Ndikumana asaba abantu kubandanya kwubahiriza ingingo zo kwirinda kwandura no kwanduza, no kunyaruka kwipimisha iyo biketseko ibimenyetso.

Aranegura abantu bize avuga ko baja kwipimisha batevye bigaca bigora kubavura.

Ikindi anegura cane, ni bimwe mu bitaro vyigenga avuga ko vyihutira gukora ibipimo vy'amafaranga menshi cane hakubanza gukoresha uburyo bworoshe kandi burihwa na reta, bikaja kwibaza gupima corona ari uko umuntu amaze gusinzikara.

Ati: "Ugasanga abantu aho kumugirira test rapide [igipimo cihuta] acinjira, yoroshe, atariha, ugasanga bamugiriye scanner ...y'ibihumbi amajana atatu...birababaje".

Avuga ko agiye kugira inama na bene ivyo bitaro kugira bibukanye ingene ibintu vyokorwa neza gusumba.