Burundi: Ingingo ubu zakomejwe kuri Coronavirus Ndayishimiye avuga ko bari baratsinze

Ahavuye isanamu, Mairie de Bujumbura
Ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano n'iterambere bwatangaje ko amazu y'ibiteramo vy'imiziki n'ivyitwa Karaoke vyugawe, ubuyobozi bw'umurwa wa Bujumbura nabwo bwamenyesheje ko atawe buzokwakira ngo bumuhe ico aronderaatambaye agapfukamunwa.
Perezida Evariste Ndayishimiye nawe yaraye atanze ubutumwa ko umuntu adashaka kurwanya iki kiza amategeko mpanavyaha azomukurikirana.
Inyuma y'amezi abiri ata bwandu bwa coronavirus buvuzwe mu gihugu, kuva kuwa gatatu w'indwi iheze hamaze gutangazwa abashika 140, benshi batowe mu gisagara ca Bujumbura n'imicungararo yaco.
Kuva kuwa mbere w'iyi ndwi imipaka y'ubutaka irugaye mu kwirinda ikwirakwira ry'iki kiza.
Ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu bwategetse ko ubu ibibanza bihuriramwo abantu benshi nk'amasoko, amashengero, amamanza, amanama, n'ibindi, bitegerezwa gukurikiza ingingo zo kurwanya iki kiza.
Elie Niyomugabo ari mu gisagara ca Bujumbura yabwiye BBC ko n'ubwo ata mpinduka niniya ziribonekaza mu gisagara, umwe wese ariteguye n'inguvu zose gushira mu bikorwa ingingo ubutegetsi bwafashe.
Niyomugabo avuga ko ata ngingo zo kwirinda coronavirus zigaragara nu mibereho y'abantu mu gisagara ca Bujumbura.
Ati: "Birashoboka ko ibintu bigomba bihinduke, turabona ko ubu hoho bitoroshe".
Abategetsi bavuze ko uwuzorenga ku ngingo zafashwe azofatwa agacirirwa urubanza rw'ikibiriraho.
Uwariko avurwa Covid-19 yafashwe atorotse
Umunyagihugu yari arwariye coronavirus mu bitaro vy'i Nyanza Lac mu ntara ya Makamba yaraye ahagaritswe inyuma y'aho atorokeye nk'uko amakuru avayo avyemeza.
BBC yagerageje kuvugana n'ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati, hamwe n'abarongoye intara ya Makamba kugira batange insiguro ariko banse kugira ico bavuze.
Umwe mu banyagihugu baba i Nyanza Lac yabwiye BBC ko uyo muntu koko yatorotse ibitaro ku wa gatanu w'indwi iheze asimvye urugo aca ariruka.
Avuga ko yagiye gufatirwa ku mutumba wa Mvugo ari mu modoka.
Uyu yavuze ko abaharurwa muri 20 bari kumwe mu modoka bose baciye bashirwa ukwa bonyene kugira bakurikiranwe.
Ibi vyashitse inyuma y'uko umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye aherutse gutangaza ko bazoja bakurikirana bakarondera umuntu yazanye uwo mugera mu gihugu agahanwa "nk'umurozi".
"Twari twaragitsinze [Covid-19]" - Ndayishimiye
Mw'ijambo ryashizwe ahabona n'ibiro vyiwe kuwa mbere mw'ijoro, Perezida Evariste Ndayishimiye yavuze ko bari baratsinze iki kiza ariko ko "ubu casubiriye kutwinjirana kubera ububegito bwa twebwe abarundi".

Ahavuye isanamu, Ntare rushatsi
Yagize ati: "Hari abarundi bari gito batorotse amahoteri bategerezwa kubanza kwitaramuriramwo, abandi barya ibiturire kugira ngo ingenzi zinjiye ntizipimishe canke zice zigira zidataramuwe. Ivyo vyose nivyo vyatubayeko akamaramaza".
Perezida Ndayishimiye agabisha ko umuntu adashaka kurwanya iki kiza amategeko mpanavyaha azomukurikirana.
Ati: " Abitwaza ubukuru bahabwa n'igihugu, canke bakarya ibiturire kugira ngo bacishirizemwo uyu canke uriya ku mbibe kugira ngo bakwegere akarambaraye igihugu bagiye gutangwako akarorero mu guhanwa".










